IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakozi ba Reta basabwe kuvuga ubwoko bwabo

Abakozi ba Reta basabwe kuvuga ubwoko bwabo

jeudi 10 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Inama nkenguzamateka y’Uburundi iheruka gusaba ubushikiranganji bw’abakozi ba Reta ko bwotanga imyidondoro y’ubwoko bw’abakozi bose bakorera Reta y’Uburundi. Amakenga ni menshi ku bakozi basabwe kuvuga ubwoko bwabo.

Ubushikiranganji bw’abakozi ba Reta bwahawe iminsi ine, kuva kw’igenekerezo rya 8 gushika kurya 11 Munyonyo 2016, kugira bube bwatanze imyidondoro y’abakozi bose ba Reta mu Burundi. Abayobozi hamwe n’abagenduzi b mu bisata vyose vy’ubuzi bwa Reta bakaba bahamagariwe gufasha kugira icvo gikorwa kiranguke mu kiringo catanzwe.

Mu gihe ico gikorwa cateye amakenga abakozi ba Reta, inama nkenguzamateka y’Uburundi, ari nayo yasavye ico gikorwa, yamenyesheje ko ari mu ntumbero y’ukugenzura ko iyubahirizwa ry’ibitigiri vy’ingene amoko yose aserukirwa mu buzi bwa Reta, ico gikorwa kikaba kiri mu mirimo inama nkenguzamateka ishinzwe, nk’uko ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ribitegekanya.

Abakozi bose ba Reta basabwe kwuzuza ku gipapuro bahawe, bavuge ubwoko,intara, igitsina, hamwe n’igenekerezo umukozi wese yinjiriye mu kazi.


IGIHE

Messages

  • Iyongingo kwariyubahirizwa ryamasezerano nisawa.ariko iconoterera nuko mumategeko azohindugwa iyongingo yozimbere yizindi kuko ubwoko sibwobukorakazi ahubwo ubumenyi umuntafise nibwo bwoja imbere!!iyobiba ivyoshobora iyongingo ntiyarikubahirizwa yarigushigwa mubigiye kwigwa nabanya politique mumisi irimbere.nimba mwokumva akababaro kanje ubwoko tubutekure twubake uburundi turabarundi bumutima umwe tuvugururimi rumwe duharanire ibikogwa nokugira ubwenge ngoduhore dushirimbere ivyotuzi gukora kuruta kwizigira ibitigiri atabumenyi dufise.ahubwo Reta ikarihirize abakozibayo ubwenge abantu bahiganishe ubuhinga,gutyo indyane nikimenyane bizohera nivyodupfa bizohera tubanamahoro.amasezerano ya Arusha yarakoze agifise agaciro arikubu arikuri 20-0 igihecayo caraheze ubudukwiye kujimbere tukava muvyakera.Imana ihezagiruburundi iburinde umuzimubi wamoko kuko turabana bayo ,nibitagirikimazi birimumategeko ashaje tubebashasha murivyose vyotugiririkimazi murikazoza kimiryango yacu nigihugu.murakoze abotutavyumvakumwe mwihangane ariko vyonezera abanatuvyara bakuze basoma ivyamoko nka kahise atarinka kazoza,niho igihugu cacu kizobicokwipfuzwa mwisiyose Imana iganje muburundi nomubarundi.

  • ubwo bwoko butabaho bizoshoboka!umengo munyaka iza bizoba bigoye?

  • Hewe batutsi muragire amakenga kuko mu Rwanda abatutsi bababwirwa n’akaranga muntu karimo ubwoko muragire amakenga mwese murandike ko hutu kugira ntibazabamenye

  • Akamunaaaaaaaaaa!Ubuho turahona ntagisivyaaaaaa!Ubwoko sibwo bukora!Heba ivy,ubwoko murabe gusa ingene umuntu arangura akazi neza?Ngo UBWOKO.....!Yesu weeeeee!Mbegaaaaa!Mana hindukiriza ijisho ryawe ryiza ku Burundi birakomeyeeeee!

  • Abarundi ntituzopfa duteye imbere nk’ibindi bihugu vyo mu karere nituguma dushira imbere amoko mu kazi ka leta; aho gushira imbere ubumenyi n’ubushobozi. Twikebuke bategetsi bacu!!!!

  • Iyi politike ishingiye ku moko mubona izabageza he koko?

  • niba biri mw’ibwirizwa shingiro mwatoye, ni muvyubahirize ntimukarabe ivya manda ya 3 gusa, vyose nivyubahirizwe.

  • Niho bagitangura??!! Twebwe aho duherereye utangariza ubwoko bwawe muri interview bugaca bwandikwa. Utabivuze ntuba engagé. Ni accord d’Arusha.

  • None sivyo?! ko hari igihe bisabwa ko hagombwa gutanga ibibanza vyakazi bisunze uburinganire canke ubungane bisunze ubwoko, sinumva ko aho ari ikibazo, Erega nibintu gusa twishiramwo ninde atiyizi canke atazi ko umuhutu , canke umututsi, umutwa aba muburundi,ico nico cishe abarundi, witinya iki kuvuga nogushira kumugaragaro ico Imana yaguhaye?

  • None sivyo?! ko hari igihe bisabwa ko hagombwa gutanga ibibanza vyakazi bisunze uburinganire canke ubungane bisunze ubwoko, sinumva ko aho ari ikibazo, Erega nibintu gusa twishiramwo ninde atiyizi canke atazi ko umuhutu , canke umututsi, umutwa aba muburundi,ico nico cishe abarundi, witinya iki kuvuga ico urico nogushira kumugaragaro ico Imana yaguhaye?

  • None sivyo?! ko hari igihe bisabwa ko hagombwa gutanga ibibanza vyakazi bisunze uburinganire canke ubungane bisunze ubwoko, sinumva ko aho ari ikibazo, Erega nibintu gusa twishiramwo ninde atiyizi canke atazi ko umuhutu , canke umututsi, umutwa aba muburundi,ico nico cishe abarundi, witinya iki kuvuga ico urico nogushira kumugaragaro ico Imana yaguhaye?

  • hewe barundi batutsi muragaba muribuka ivyabaye murwanda namwenga nikobigiye kubabera murikonure

  • N’ibindi biri inyuma nimurindire. Kuki ubu ariho muvyatse kandi amasezerano y’iyarusha amaze imyaka irenga cumi? Tuvuga ko ico gihe cose mutigeze muyubahiriza ubu akaba ariho mugiye kuyubahiriza?? MUBESHE ABANDI!!!

  • Nyumvira Abarundi ibyo bakirimo muzatera imbere gute muba mu moko?

  • EWE MANA TUGARUKIRE! NYENE DUSHIRE IMBERE AMOKO! NA BIBILIYA YARAKA UWEREKANA UBWOKO BWIWE! UKWIHAYA AMOKO NYENE?NGO NDI UMUNAKA! NI AKAMUNA! MANA TABARA ABANTU BAWE.

  • EWE MANA TUGARUKIRE! NYENE DUSHIRE IMBERE AMOKO! NA BIBILIYA YARAKA UWEREKANA UBWOKO BWIWE! UKWIHAYA AMOKO NYENE?NGO NDI UMUNAKA! NI AKAMUNA! MANA TABARA ABANTU BAWE.

  • Wewe witwa amiri iryo tegeko rifata abakuru bakuru baduserukira niko biri mwisezerano!Sabantu boooose na batobato!Kandi bavyibutse batevye haheze imyaka irenga 10 bahora bakora bidaciye mumategeko burya!? yooooh ntawutagira ubwenge harya ngo dusumbanya degré muri domaines zose?Emwe nzoza mbona iciza cavyoooooo!Imana itugirire imbabazi ,kandi itugirire neza! Izoduhe iherezo ryiza!Amen!

  • Mbere y’ico gikogwa bari kubanza bagasaba abarundi bose batipfuza kwinjira mu vy’amoko, bagahabwa karangamuntu zivuga ko badashimikiye ku vy’ubwoko kugira bahabwe nabo place muri Leta. Uwushaka kuguma agendera ku bwoko bwiwe nawe bamuhe karangamuntu ivuga ico arico kuko hari abarundi bigora kumenya vyukuri ubwoko baherereyemwo bivuye ku bavyeyi babibarutse bacangacanze mu buryo utomenya neza ko ari umuhutu, umututsi canke umutwa, canke nyene batagendera mu vy’amoko. Ico kibazo nigitoregwe inyishu.

  • IYO MWIDONDORO IZOBAMWO AMANYANGA HARI HAKWIYE GUSHIGWA UMUGWI WIGENGA

  • Mu Burundi hari uwo bigitera ubwoba kwemanga ubwoko bwiwe? Mbere baratubeshe mu Burundi ntabwoko buhari kuko ubwoko busobanura kuba bufise ururimi bwisangije, intara burangwamo, imico ifise aho itandukaniye n’iyabandi, n’ibindi n’ibindi. Abarundi twari dukwiye kuvana mu mitwe yacu ivyo vy’amoko ahubwo tugahangana n’ikibazo nyamukuru arico "ubukene"

  • hahahha DD =INTERAHAMWE CA COMMANCE MAMA YANGU ATI UBWOKO!!!!!!!!EWE MANA WARATUVUMYE KUTUZANAMWO IZO MBUNUZA ZA BA DD IBIHEMU WASHAMBA SIJAWAHI KUONA

  • Ubujuju bwabarundi bungana nubukene abarundi bafise. Muburundi dusamazwa nabadutwara tukicwa nabadutwara tuzotezwa imbere nande igihe abadutwara batazi ico bajejwe bimbe bigera kuko urabikora ukavyikorera abatwaye igihugu kuva kera bashira inyungu zabo imbere nico gituma igihugu cabayemwo indyane nyishi . iterambere ritavangura rikugarukako kandi rigaha ijambo Igihugu mumakuku nabeneguhugu bakumva kobari mugihugu gifise agaciro ugiye mumakungu ntugende nkuwugiye gusega ahubwo ugende nkuwugiye gusuma canke ugende nkuwushoye.

  • NIYABA AMOKO ABAHO NIBAPIME AMARASO( COMPOSITION SANGUINE) Y UMUNTU BIBAZAKO ARI UMUHUTU, UMUTUTSI, UMUTWA, UMUGANWA; BARABE ICO BATORA TURABE IGIHUSHANE CABO BANTU. DUSANZE BITABAHO AZOBA ARI SATANI YAZANYE IVYAMOKO.

  • ISI NIHO IGEZE BAGENZI, NTIMUTANGARE.

  • nugutesha umwanya abenegihugu ,kubaca inkokora mu gukora imirimo bashinzw ,uwo mugambi niwa bansumira inda bamy bagomba gusahura ikigega c’igihugu ba creer udu projet tutagir epfo na ruguru no kutwamiza mu ndyane za moko zurudaca,,mb ndababaz ko dd ariyo itwara ,yirukana cank ikomora uwo ishats boramuka bazany nya mpapuro zukwuzuza ubwoko ,abarundi bose bakandika kwara bahutu,ubukene bwoca buhera mu gihugu ?n’ingwano igahera?yooo kurangaho mwabikunzi vy’inda mw

  • MUBURUND NTA MOKO AHARI KUKU TUVUGA URURIM RUMWE ,AMOKO ARI TANZAIA KUKO HARI INDIMI 180 HARIHO ABAHA ,ABASUKUMA ,ABAJITA ABAKEREWE,ABACHAGA.ABANYATURU .ABAMASAI,ABAGOGO @NTABO NOKWANDIKA NGO MARE VUBA KANDI NTIABAHU8A ULULIMI >IVYO MWITA UBWOKN BIREKE

  • Mwishinze kurekuza amazuru kumata barakibafatana abanzungu bakibahaye kubuntu ubunaho bizogenda gute? Abazungu ubu bonyene ibifitiye ibibazobibahanze numurengera

  • Mwishinze kurekuza amazuru kumata barakibafatana abanzungu bakibahaye kubuntu ubunaho bizogenda gute? Abazungu ubu bonyene ibifitiye ibibazobibahanze numurengera

  • Mwishinze kurekuza amazuru kumata barakibafatana abanzungu bakibahaye kubuntu ubunaho bizogenda gute? Abazungu ubu bonyene ibifitiye ibibazobibahanze numurengera

  • Mwishinze kurekuza amazuru kumata barakibafatana abanzungu bakibahaye kubuntu ubunaho bizogenda gute? Abazungu ubu bonyene ibifitiye ibibazobibahanze numurengera

  • Mwishinze kurekuza amazuru kumata barakibafatana abanzungu bakibahaye kubuntu ubunaho bizogenda gute? Abazungu ubu bonyene ibifitiye ibibazobibahanze numurengera

  • urwo nurwenzo rwokugarukana ihonyabwoko mu barundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.