IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abubakanye bagiye guhabwa impapuro z’ubugeni zikozwe mu buhinga (...)

Abubakanye bagiye guhabwa impapuro z’ubugeni zikozwe mu buhinga bushasha

mercredi 24 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri iyo nama nshikiranganji yakoranye irongowe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, abagize Reta y’Uburundi barigira hamwe kandi integuro y’itegeko risubiramwo itegeko rikingira amashamba n’ibiti, integuro y’itegeko riraba uburenganzira bw’abagendana ubumuga, umugambi w’igihugu ujejwe kuraba ivy’ugufasha abahuye n’ingorane, integuro y’itegeko riraba ishirwaho, hamwe n’ibikorwa vy’ikigega c’ugufasha abanyagihugu kubaho neza (Fond d’Appui à la Protection Sociale), hamwe n’integuro y’itegeko nshikiranganji riraba ivyosabwa hamwe n’amafaranga yotangwa mu kugira abanyagihugu baronswe impapuro zikozwe mu buhinga bwa none, zihabwa uwuvutse (Certificat de naissance), izihabwa abubakanye (Certificat de mariage) hamwe n’izihabwa imiryango y’abitavye Imana (Certificats de décès).


Egide NDUWIMANA

Messages

  • ukonuguhenda bantu anti krito yahageze pee

  • Iyoninzira yo kwiba abanyagihugu, mbega izonkaratasi zigezweho nizo zituma umuntu yubaka mumahoro? ahibambewe mugombe mukore izizoba arizambere kwisi hazokubaka uwarasanzwe yokubatse. nibeshi bagowe mungo zabo ayo makaratasi yerekana koberenze imbere yasekereteri wakomine bayafise, iyo mahera nayo ngonayo gufasha abagowe! yemwe bamureka kuzamuravuga yuko mwicara muriko murarondera ayo gufasha abagowe!, nayo gufasha mwebwe nyene. Ngaha muburundi nibeshi bageze ahumwansi agomba kandi barakoreye igihugu, ntamusi numwe barigera bafashwa na reta, Nzobambona.

  • ewe pita uragowe uvuye kugiti uzocupfungwa canke wicwe nkuko wishabandi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.