IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > Afirika y’Epfo: Hategekanije imyiyerekano izohagarika ibikorwa vya (...)

Afirika y’Epfo: Hategekanije imyiyerekano izohagarika ibikorwa vya Reta

Thursday 7 June 2018, by Jean De Dieu

Urwo runani rw’abakozi muri Afurika y’epfo basaba ko reta y’ico gihugu ibongera nimiburiburi ibice 12 kw’ijana ku gahembo kabo ariko reta yemeye ko izobongera ibice 7 kw’ijana ariko amashirahamwe y’abakozi ba Reta ntibabikozwako.

Umukuru w’urunani rw’amashirahamwe y’abakozi aho muri Afirika y’epfo,Tahir Maepa yavuze ko iyo myiyerekano bategekanya gukora izobangamira ibikorwa mu gihugu cose k’urugero rwo hejuru.

Bimwe mu bikorwa vyitezwe guhagarikwa nivyo mu bisata vy’ubutungane,imibano,kwugara imbibe hamwe n’igisata c’ingezi ariko ibisata vy’amagara y’abantu hamwe n’igisata c’igiporisi bizobandanya ibikorwa.

Reta y’igihugu ca Afurika y’Epfo yamenyesheje ko niyo iyi myiyerekano itegekanywa gukorwa n’abakozi bangana ibihumbi 230 izoba idakwirikije amategeko.


Bikorimana Vianney

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.