IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Inama nshingamateka izosubira kwiga kw’ikurwa ry’umukuru (...)

Afrika y’Epfo : Inama nshingamateka izosubira kwiga kw’ikurwa ry’umukuru w’igihugu

lundi 8 janvier 2018

Amakuru dukesha ikinyamakuru JeuneAfrique amenyesha ko inama nshingamateka igiye kubikora inyuma yo gusabwa na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro mu mpera z’umwaka wa 2017, ko yoshiraho uburyo bwoshobora gukoreshwa kugira Jacob Zuma akurwe mu mabanga yo kurongora igihugu.

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yagirije inama nshingamateka ko itigeze isaba umukuru w’igihugu kwerekana ubutunzi afise, mu bijanye n’inyubakwa yiwe yubatse.

Kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 7 Nzero 2018,inama nshingamateka yamenyesheje ko kuwa gatatu igenekerezo rya 10 no kuwa kane igenekerezo rya 11 Nzero 2018, umurwi ujejwe gusubiramwo amategeko uzogira ico ushikirije kw’ibwirizwa nshingiro, ku ngingo yaryo ya 89 isaba umukuru w’igihugu gutanga imihoho.

Naho vyageragejwe kenshi ko Jacob Zuma akurwa ku butegetsi n’inama nshingamateka, ico gikorwa nticigeze coroha kuko afise igitigiri kinini c’abamushigikiye mu nama nshingamateka.

Jacob Zuma, ari ku butegetsi kuva mu mwaka wa 2009, ikiringo ciwe bitegekanijwe ko kizohera mu mwaka uza wa 2019.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.