IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Jacob Zuma yumvirijwe n’abacamanza ku bijanye (...)

Afrika y’Epfo : Jacob Zuma yumvirijwe n’abacamanza ku bijanye n’igiturire

samedi 7 avril 2018

Amakuru dukesha urubiga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Jacob Zuma yumvirijwe n’abacamanza mu mwanya muto, umucamanza aca avuga ko urubanza rwungururijwe kw’igenekerezo rya 8 Ruheshi 2018.

Inyuma yo kwumvirizwa n’abacamanza, Jacob Zuma yavuze ko ataco yagirizwa, amenyesha kandi ko hari abariko barondera agatwe kiwe, bagizwe ahanini n’abatunzi b’abazungu.

Urwo rubanza rwari rwarahagaritswe mu mwaka wa 2009, ruca rusubira kuvyurwa ububasha bwiwe butanguye kugabanuka.

Jacob Zuma yakuwe mu mabanga yo kurongora igihugu mu kwezi kwa kabiri, yagirizwa amagendu, ubunyonyezi hamwe no gushira mu mabanki amahera bitazwi iyo yavuye.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.