IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo: Sentare Nkuru yemeye ko amatora yo gukura umukuru w’igihugu (...)

Afrika y’Epfo: Sentare Nkuru yemeye ko amatora yo gukura umukuru w’igihugu aba mu mwiherero

jeudi 22 Ruheshi 2017

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro yavuze ko kandi umukuru w’inama nshingamateka mu gihugu afise uburenganzira bwo gutegegeka ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, yari yamenyesheje mu minsi iheze ko ata burenganzira ibifitiye.

Imigambwe itavuga rumwe na Reta imenyesha ko yizeye ko amatora abereye mu mwiherero, abashingamateka bo mu mugambwe wa ANC prezida Zuma akomokamwo, bashobora kumukurako amaboko.

Umukuru w’igihugu Jacob Zuma amaze kwagirizwa ibintu vyinshi, harimwo ibiturire, hamwe n’iyirukanwa ry’umushikiranganji w’ikigega ca Reta yari yubashwe cane.

Ashikiriza iyo ngingo ya sentare, umukuru w’intahe Mgoeng Mgoeng yavuze ko yishimikije ingene ubutegetsi butegerezwa gutandukana, ari umukuru w’inama nshingamateka ategerezwa gufata ingingo y’ingene amatora ategerezwa kugenda.

Mu gihe umugambwe ANC witeguye gutora uwuzomusubirira mu mpera z’uyu mwaka, Ikiringo c’umukuru w’igihugu wa Afrika y’Epfo Jacob Zuma kizohera mu mwaka wa 2019, ANC yiteguye gutora uwuzomusubirira mu mpera z’uyu mwaka.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.