IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’epfo : Umukuru w’igihugu mushasha yashizeho Reta

Afrika y’epfo : Umukuru w’igihugu mushasha yashizeho Reta

mardi 27 Ruhuhuma 2018, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu, Cyril Ramaphosa yasubije mu mabanga yo kurongora ubushikirangaji bw’ikigega ca Reta Nhlanhla Nene yari yabogojwe n’umukuru w’igihugu yahahora. Amabanga nayo yo kurongora amashirahamwe ya Reta ayaha Pravin Gordhan.

Mu ntumbero yo gutorera umuti amadeni arangwa mu mashirahamwe hamwe no mu masoko ya Reta, Cyril Ramaphosa, yagarukanye ejo ku mugoroba abo bagabo babiri b’igihagararo Nhlanhla Nene na Pravin Gordhan, bari babogojwe mu mabanga na Jacob Zuma

Icegeranyo co muri 2016 cerekanye ubunyonyezi bw’amatungo ya Reta bwakozwe n’umuryango umwe w’abadandaza, aba Gupta, bahagarikiwe n’uwahoze ari umukuru w’ico gihugu Zuma.

Umukuru w’igihugu Zuma yirukanye mu mabanga Nhlanhla Nene muri 2015, amusubiriza n’umushingamateka, iryo gena ryatumye ubutunzi bwa Afrika y’Epfo busubira inyuma.

Jacob Zuma yihutiye gusubira ku ngingo yo kugarukana mu mabanga, Pravin Gordhan, bivuye ku guhungabana kw’amasoko, muri ico gihe igihugu ca Afrika y’Epfo caronse abashikiranganji batatu b’ikigega ca Reta mu gihe c’imisi itarenga itatu.

Pravin Gordhan yagaragaye mu bimenyeshamakuru vy’ico gihugu muri Rusama 2017, nk’umuntu ashoboye gutunganya neza ivy’ubutunzi bw’igihugu, ariko yaciye asubira kubogozwa mu mabanga.


Oscar NDAYISHIMIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.