IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Amafaranga Reta yakoresheje mu gice ca mbere c’umwaka yavuye mu makori" - (...)

"Amafaranga Reta yakoresheje mu gice ca mbere c’umwaka yavuye mu makori" - Joseph BUTORE

jeudi 5 Gitugutu 2017

Imbere y’abashingamateka n’abakenguzamateka kuri uno wa kane igenekerezo rya 5 Gitugutu 2017, ashikiriza ivyaranguwe mu mezi atandatu ya mbere y’umwaka mu gisata c’ubutunzi n’imibano, Joseph BUTORE amenyesha ko amafaranga imiriyaridi 348,9 yinjiye, mu gihe mu mwaka uheze hinjiye imiriyaridi 305,6 muri ico kiringo nyene.

Joseph BUTORE amenyesha ko ayo mafaranga yiyongereyeko ayashika imiriyaridi 43,3 n’ukuvuga ibice 14,2 kw’ijana ata handi yavuye atari mu makori yatojwe mu bisata bitandukanye, harimwo igisata c’igitoro.

Mu bijanye no kugenzura ingene ibikorwa vyakozwe, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu avuga ko ivyigwa 14 vyakozwe kandi n’ivyegeranyo bihuye navyo vyamaze gusohoka mu mezi atandatu ya mbere y’umwaka.

JPEG - 32.5 ko
Joseph BUTORE,Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu asanzwe agenzura ubushikiranganji 12 buraba ibijanye n’imibano n’ubutunzi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.