IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amasezerano y’ugufashanya hagati ya CIRGL na EISA yateweko umukono

Amasezerano y’ugufashanya hagati ya CIRGL na EISA yateweko umukono

lundi 31 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Denis KADIMA, umuyobozi nshingwabikorwa w’ikigo EISA co muri Afrika y’epfo (Electoral Institute for Sustainable Democracy in Africa), yizera ko ayo masezerano y’ugukorera hamwe na CIRGL (Conférence Internationale sur la Région des Grands Lacs) azofasha mu guhanahana ubumenyi, hamwe n’ugutegurira hamwe ibijanye n’uburorerezi bw’amatora mu bihugu bigize ishirahamwe ry’ibihugu bihurikiye mu karere k’ibiyaga binini. Kubwa Denis KADIMA, ayo masezerano azofasha kandi kugira amatora atunganwa abe ari ayizewe, kandi abereye ku mugaragaro.

JPEG - 155.2 ko
Denis KADIMA, umuyobozi nshingwabikorwa w’ikigo EISA

Mu gihe hoba ukutumvikana n’indyane hagati y’abahiganwa mu matora abera mu bihugu bigize CIRGL, Denis KADIMA, umuyobozi nshingwabikorwa wa EISA yamenyesheje ko ayo masezerano ategekanya ko bazoshikiriza ivyiyumviro vyabo, mu ntumbero y’ugutorera umuti amatati azoba yibonekeje mu matora.

Ambassadeur Zachary Muburi-Muita asanzwe ariwe munyamabanga nshingwabikorwa wa CIRGL amenyesha ko ayo masezerano azofasha gukomeza intwaro rusangi mu bihugu bigize iryo shirahamwe.

JPEG - 174 ko
Ambassadeur Zachary Muburi-Muita asanzwe ariwe munyamabanga nshingwabikorwa wa CIRGL

Ishirahamwe CIRGL ry’ibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini rigizwe n’ibihugu : Burundi, Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Centrafrika, Angola, Congo Brazzaville, Kenya, Rwanda, Sudani, Sudani y’epfo, Tanzaniya, Uganda hamwe na Zambia.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.