IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe 11 yigenga yemerewe gusubira gukora

Amashirahamwe 11 yigenga yemerewe gusubira gukora

vendredi 23 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi yasubije uburenganzira bw’ugusubira gukora, ku mashirahamwe cumi na rimwe adaharanira ivyicaro vya poritike yari yahagaritswe.

Nk’uko biri mw’itangazo ry’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, ayo mashirahamwe ari mu yari yarahagaritswe kugira ubutungane bw’Uburundi butohoze uruhara yagize muvyo umushikirizamanza kizigenza yise "imigumuko" yabaye kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015.

Umushikirarizamanza wa Repuburika amenyesha ko aravye aho amatohoza ageze, basanze ayo mashirahamwe yosubira gukora, ariko agasabwa gukora hisunzwe ivyo yiyemeje mu gusaba uruhusha rw’ugutangura gukora.

Ayo mashirahamwe yemerewe gusubira gukora ni OAG, Ruhuka Bana, AJM, Fontaine Isoko, SPDDF, AREVIE, AAN, ACOPEC, ATU, CHOUIFE, hamwe na MM


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.