IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe APRODH, FORSC, FOCODE, ACAT hamwe na RCP yahagaritswe

Amashirahamwe APRODH, FORSC, FOCODE, ACAT hamwe na RCP yahagaritswe

dimanche 23 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Amashirahamwe atanu adaharanira ivyicaro vya poritike mu Burundi yahagaritswe n’itegeko ry’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal BARANDAGIYE. Ayo mashirahamwe yagirijwe ko atariko akora ivyo yiyemeje igihe yahabwa uruhusha rw’ugukora, kuba ariko acapfuza isanamu y’Uburundi, hamwe n’ukuba ariko acanishamwo Abarundi.

JPEG - 48.1 ko
Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Abakuru b’ayo mashirahamwe yose uko ari atanu bari mu buhungiro, bakaba kandi bakurikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi bwamaze gusohora imitahe mpuzamakungu y’ukubahagarika, bagirizwa ko bagize uruhara mu gushaka guhirika ubutegetsi kwabaye kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2016.

Ayo mashirahamwe yahagaritswe ni :

APRODH : « Association Burundaise pour la Protection des Droits Humains et des personnes détenues », irongowe na Petero Karaveri MBONIMPA, aheruka guhabwa agashimwe ka "Alison Des Forges 2016"

FORSC : "Forum pour le Renforcement de la Société Civile", irongowe na Vital NSHIMIRIMANA

FOCODE : « Forum pour la Conscience et le Développement », irongowe na Pacifique NININAHAZWE

ACAT : « Action Chrétienne contre l’Abolition de la Torture », irongowe n’umushingwamanza Armel NIYONGERE ari mu bashingwamanza baheruka kwitura sentare mpuzamakungu mpanavyaha, kw’izina ry’imiryango ivuga ko yagandaguriwe abayo, mu bwicanyi ndengerabutungane

RCP : "Réseau des Citoyens Probes"

Ayo mashirahamwe uko ari atanu ntakirekuriwe gukorera ku butaka bw’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • Nimba hari intwaro ishaje nabi nintwaro yaba dd.Ayo mashirahamwe ntayo mwoshobora guhagarika kuko ntanguvu zokubikora zikwiye mufise. Bavyita kwidigagiga nimba mbeshe muze mumpinyuze.

  • BA RIBARATEBEJE,TWARITUCIBAZAKUBURUNDI BWOBA BUTAGIKWIJINZEGO.TURAVYE BIRYAVYARYAMASHIRAHAMWE YAKOZE MUGUKOKEZINTAMBARA MUKUYITEGURA NO MUKUYISHIRA MUNGIRO,AHONTITWIBAGIWUBWICANYI BAGIYE BOMEKA KURIRETA,KUMUGAMBWURIKUBUTEGETSI NIBINDI.

  • Nabo kwarabagabo baraza bakore turabe, atarukuba ababaja babazungu ntakindi bagishoboye

  • nibabahagarike nabanyepolitike berekana kobadaharanira ivyicaro ariko nikwihisha nkirwe yambaye urusato rwintama

  • Je mbona iyo leta yogerageza igatekana kuko ingingo zose ifata ziba impfagusa;ni barabe ahubwo bigire hamwe uko bazoburana n’ibabarengutsa kuko karababanye bishe abantu amakungu asemerera,bareke guhenda abanyagihugu babiriza mu mabarabara ngo babashigikire

  • Alain Nyabenda ribeshe kandi turaguhinyuza. Reta ni Reta yashizweho n’Imana. Nico gituma uwugararije Reta, aba agararije itegeko ry’Imana (Abaroma 13: 2). Wewe ko ufise inguvu gusumba Reta, uraza wugururire ayo mashirahamwe tubirabe. N’ukuvuga ko nawewe nk’ubu ugumutse, Reta yokuraza mu mapingu. Naho woba utari mu Burundi, ah’uri hose, niwagumuka ku mategeko y’igihugu kigucumbikiye, polisi iragushirako menote. Ngucir’umugani: INDURU NTIGANZ’INGOMA; kandi AKARUT’AKANDI KARAKAMIRA. Ako gasuzuguro mwitwaza nikabi ntaco kazobamarira

  • Reta nayo! Haaa muri danger ariko muranasetsa kabisa.

  • Mbega,koyahagaritswe,umutekanontuzongeraguhungabana? Cankentamuntuazosubirakwicwa? Baribesha,ikibazosayomashirahamwe,ikibazonindazabategetsi,mbega,nyamitahempuzamakungu,ira2maziki?koniyosentaremwayivuyemwo,nimujekwa,kagame,abigishe,gutawara,nahandi,abarunditugiyekubona,ivyago.

  • Izo mujeri natwe abanyarwanda ntituzishaka kubutaka bwacu. Nizijye muri Europe kurya amahera y’ibimuga nka Kiramvu.( zijye kurya CPAS)

  • Ntarashinye uwowese yagize uruhare kugira izingingo zifatwe.
    Nukuri ayamashirahanwe yarakoreye nabi uburundi nabarundi bimwe vyagahomerabunwa! Umva namwe: arasimvye akomeje intambara, ivyobiheze ahamagarira abene Burundi gukora amabiyuburyobwose harimwo noguturira abantu, ivyobirangiye ahamagarira ibihugu kwanka urunuka uburundi nazinamurundi aba mu Burundi!!!!!!!!
    Muvyukuri ntagihugu coburamwo abasi ariko kureka abasi nkabo bakishira mumashirahamwe yiyita ngonayo kugiriraneza uburundi nabenebwo ariko agakora ibimeze nkivyonavuze ahoharuguru bwoba arubutamenya buri mwiyo reta yomwicogihugu.
    Turabishimye mushikiranganji wintwaro yohagati mugihugu nabobose mwafatikanije kugira iyongingo ishirwe mungiro.

  • Mbe uwo yidayi guhagarika Ayo mashirahamwe ninde ko tutamuzi ivyo bavyita ukwidigadiga

  • We felix,iyoreta ya nkurunziza yashizwe na satani,kubera reta ishirwa nimana ntinywa amaraso yabo yari gukingira nawe ukaba wari interahamwe umenye ko imana izokwishura mumaraso wanyoye.nayo reta yankurunziza nireta itazwi nimana.

  • Ubundinabwo Amaherezomuzohinyuka -Abonabo ngo baraziriki?

  • ako kagabo nika ndiyo bwana gategekwa na nkurunziza ivyo agatangaje ntaco bivuze kuko nubundi ayo mashirahamwe bari barayugaye ariko yabandanije akora ivyo rero ntibidutangaje

  • Asha nukuri uburundi burakenye kabisa. Urabona ivyo biro vyumushikiranganji ukuntu bisa? Harateye isoni

  • nibahagarikwe hama babazwe nibagigwa namakosa bakoze bace bahanwa kk bari mugihugu gifise amategeko akigenga kand akora kur bose

  • ndabashimiye cane gose imana ibazigame kandi izo mpunzi nibazihagarike zigaruke mugihugu cabo mugire ibikogwa vyiza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.