IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe ategamiye Reta ava hanze asabwa kwubahiriza ivyo (...)

Amashirahamwe ategamiye Reta ava hanze asabwa kwubahiriza ivyo yiyemeje

mardi 8 Myandagaro 2017

Yishura kuri uwu wa kabiri ku bibazo vy’abakenguzamateka ku bijanye n’ingene amashirahamwe ategamiye Reta ava mu mahanga akora, umushikiranganji Alain Aimé NYAMITWE yamenyesheje ko mu bisata bimwe bimwe igihugu gikenera amashirahamwe ategamiye Reta, ariko mu gihe ataza kwaka akazi abanyagihugu.

Umushikirangtanji Alain Aimé NYAMITWE yavuze ko ku bijanye n’intara canke ibisata ayo mashirahamwe akoreramwo, ari igikorwa ca Reta co kwerekana ibisata bikeneye ishirahamwe ribikoreramwo mu ntumbero yo gufasha abanyagihugu.

Abakenguzamateka berekanye kandi amakenga bafise yo kumenya namba vy’ukuri amashirahamwe ategamiye Reta ava mu makungu afasha mw’iterambere, umushikiranganji Alain Aimé NYAMITWE yavuze ko igikorwa co kugenzura ingene ayo mashirahamwe akora kibera mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, kuko aribwo bukurikiranira hafi ibikorwa vyayo ku rubuga.

JPEG - 18.9 ko
Alain Aime NYAMITWE,Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu

Umushikiranganji Alain Aimé NYAMITWE yavuze ko kuba hari amashirahamwe atari make mu gihugu ari kubera ibihe igihugu caciyemwo, aca avuga ariko igikorwa ca mbere c’iterambere ry’igihugu ari ic’abarundi ubwabo.

Yavuze ati: «Ibikorwa vy’iterambere biraba imbere y’abandi bose abarundi bonyene ubwabo, abanyamahanga baza kwuzuriza aho abarundi basigaje.»

Umukuru w’inama nkenguzamateka Reverien NDIKURIYO yasavye ko amashirahamwe ategamiye Reta ava mu makungu yoza aramenyesha uburyo azanye gukoresha mu gihugu, kugira bagenzure neza ko ibikorwa yishinze bihuye n’uburyo akoresha.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu nawe yasavye amashirahamwe ategamiye Reta ava mu makungu kwubaha ivyo aba yiyemeje igihe asaba gukorera mu Burundi.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Mbe mu burundi tutariko duhendana duhaye duhendwa ijambo "uburenganzira"abarundi baritahura ukundi bitandukanye nibindi bihugu mbe mu burundi kugira bahage canke amashirahamwe yuzure murutonde azoba arangahe uretatse gusa korohereza bimwe mubimenyesha makuru nabanyamigambwe mugushika kuvyo bashaka abarundi twarushe nibagezaho

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.