IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amazu y’ubudandaji umunani (Kiosques) yo mw’isoko ya Buterere (...)

Amazu y’ubudandaji umunani (Kiosques) yo mw’isoko ya Buterere yahiye

mercredi 25 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu giporisi bamenyesha ko iyo mpanuka y’umuriro yatewe n’umuriro wavuye mu tuzu tw’abakora ibintu vy’ivyuma basize badatunganije neza ivyo bariko barakoresha vyarimwo umucanwa, ari navyo vyabaye inkomoko y’uwo muriro, nk’uko bivugwa na Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi. Igiporisi kiracaharura ivyononekariye muri uwo muriro.

"Ivyononekaye ntibiramenyekana igitigiri cavyo, kuko kuva mu gatondo hari igikorwa c’ukubiharura, kuko bene ivyo bintu bose siho bari kugira umwe wese avuge ivyo yibuka vyarimwo. Ni igikorwa kikibandanya."

Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi amenyesha ko ikigiye gukorwa ari uguhimiriza abadandaza bibutse ko abantu bose bakoresha ibintu birimwo umuriro canke umuyagankuba ko boza bararaba neza ko babizimije imbere y’ukwugara ibibanza badandarizamwo, kuko arivyo bikwega impanuka z’umuriro.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.