Amerika yagumijeho ingingo zishira Uburundi mu bihugu biri mu bihe bitoroshe

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 8 Munyonyo 2017 saa 12:47
Yasomwe : 31464
0 1

Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyagumije igihugu c’Uburundi ku rutonde rw’ibihugu biri mu bihe bitoroshe, bifatiye ko mu Burundi hakiri umutekano muke n’ibangamirwa ry’ibikorwa vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Nk’uko biri mw’itangazo ry’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump, iyo ngingo yari yafashwe mu mwaka wa 2015 n’umukuru w’igihugu w’ico gihe Barack Obama, izobandanya gushika mu kwezi kwa Munyonyo 2018.

Muri iryo tangazo, ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika bimenyesha ko iyo ngingo yari yafashwe kubera ubwicanyi n’isinzikazwa ry’agateka ka zina muntu. Ivyo bikaba vyafatwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika nk’ibihungabanaya amahoro n’umutekano mu gihugu, no mu karere Uburundi buherereyemwo.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika bikamenyesha ko ivyaboneka igihe ingingo yafatwa mu mwaka wa 2015 bikibandanya kwibonekeza, ari naco gituma iyo ngingo ibandanya gushika mu mwaka uza wa 2018.


Kumenyekanisha

1
Hicuburundi 10-11-2017 à 08:29

Hafsa mbe wewe ukorana na Trump na CPI uzi yuko ivyo wavuze vyaraye vyemejwe?CPI igira itangure amatohoza ku mabi yose yakozwe muri ca gihe c’imigumuko,asha y’amatora yo muri 2020 nkeka azoba indongozi zacu zipfunzwe

2
Hafsa 9-11-2017 à 14:36

Ahubwo Trump agire vuba adufatire vya binywamaraso vyose abishengeze i la Haye

3
Cobla rouge 9-11-2017 à 13:58

Erega DD ntaciza izosiga atari ugusesa amaraso y’inzirakarengane gusa,mbe za Mbonerakure ko zitagiye kwiyamiriza Trump kuri Ambassade y’America nkuko zisanzwe zibigira kuri Ambassade y’u Rwanda no ku bureau vya ONU?

4
Kararuza 9-11-2017 à 08:46

Hhhah Peter atanguranwa akeza Trump igihe yatorwa,asha iki n’ikimenyetso cuko DD itazocarukana CPI, erega amaraso arasama

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha