Amezi atandatu y’imirimo y’umuhuza w’abarundi: Ivyaranguwe,ibibazo n’ibigiye gukorwa

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 11 Myandagaro 2017 saa 01:28
Yasomwe : 14148
0 0

Umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA amenyesha ko naho urwego rw’umuhuza w’abarundi rutaronkejwe uburyo bukwiye bwo kurangura ibikorwa, ibitari bike mu bijanye no guhuza abarundi hamwe no gutorera inyishu amatati vyaranguwe mu gihugu cose.

Ashikiriza ivyaranguwe n’urwego rw’umuhuza mu mezi atandatu ya mbere y’umwaka wa 2017 imbere y’inama nshingamateka, umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA yamenyesheje ko mu mezi atandatu amaze muri ayo mabanga yakiriye abamwitura 129, muri abo 30 baratunganirijwe, 56 bariko baratunganirizwa, 43 nabo ivyabo ntibiratangura kwigwa, nk’uko bivugwa n’umuhuza Edouard NDUWIMANA.

Umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA yavuze ko mu bindi bikorwa vyatunganijwe ari amanama ahuza abanyeporitike yabereye mu ntara zitandukanye z’igihugu, mu ntumbero yo gutegura neza amatora yo mu mwaka wa 2020.

Umuhuza w’abarundi yavuze ko ibijanye no kwegereza abanyagihugu ibikorwa vy’umuhuza ari igikorwa gisaba uburyo kuko bisaba ko bashinga aho bakorera mu ntara zitandukanye. Umuhuza w’abarundi yemeye ko mu minsi ya vuba bazoshikiriza integuro y’uburyo bukenewe kugira bugurure aho bakorera gutyo, bafashe kugira uburyo buboneke.

Inyuma yo gushikiriza ivyaranguwe, abashingamateka bagarutse ku kibazo c’abakuwe mu matongo mu gace ka Kagaragara kari muri zone Buringa mu ntara ya Bubanza, bipfuza kumenya aho urwego rw’umuhuza ruhagaze.

Umuhuza w’abarundi yavuze ko ico kibazo bakizi kandi ko kiri mu minwe y’inzego zibijejwe, ariko ko urwego rw’umuhuza ruriko rukurikiranira hafi ko inyishu zitegerezwa gutorwa arizo ziriko ziratorwa.

Naho yaba umuhuza w’abarundi canke umukuru w’inama nshingamateka bose bashima ivyaranguwe n’urwego rw’umuhuza mu mezi atandatu ya mbere y’umwaka wa 2017, Edouard NDUWIMANA, umuhuza w’abarundi amenyesha ko hari ibibazo bikomeye bahuye navyo bikaba bishingiye ku buryo bwo gukora budakwiye buhabwa urwego rw’umuhuza.

Umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA yavuze kandi ko kuba hari abanyagihugu na bamwe mu nzego za Reta bataramenya neza igikorwa c’umuhuza w’abarundi bigatuma bazimira aho bategerezwa kwitura.

Umuhuza w’abarundi yemeye ko urwego arongoye rutazohengeshanya gukora rwisunze amategeko mu ntumbero yo gutorera umuti ibibizo vy’abarundi babitura.

Umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA yavuze kandi ko muri kazoza biteguye gukwiza ibiro mu bice bitandukanye vy’igihugu,bongere barondere aho bakorera habo.


Kumenyekanisha

1
Nyumusi 12-08-2017 à 14:18

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha