Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Angola: Umukuru w’umugambwe UNITA abandanya kwiyamiriza ivyavuye mu (...)
 Angola: Umukuru w’umugambwe UNITA abandanya kwiyamiriza ivyavuye mu matora
 Angola: Umukuru w’umugambwe UNITA abandanya kwiyamiriza ivyavuye mu matora
				
				dimanche 27 Myandagaro 2017
Naho umurwi utegura amatora wamenyesheje ko Joao Lourenço ariwe yatsinze amatora ku majwi 61,1 kw’ijana, Isaias Samakuva yavuze ko naho habaye amatora mu gihugu,igihugu ca Angola ata mukuru w’igihugu n’abashingamateka gifise.
Isaias Samakuva arongoye umugambwe UNITA yavuze ko mu gihe ubutsgetsi bwobandanya kudadaza, umugambwe wiwe uzoca witura ubutungane.
 
- Isaie SAMAKUVA,umukuru w’umugambwe UNITA
Ibiharuro vyashikirijwe n’umurwi utegura amatora mu gihugu ca Angola vyerekana ko,umugambwe MPLA w’uwahora arongoye igihugu ufise intebe 150 ku ntebe 220 ziri mu nama nshingamateka.
Joao Lourenço w’imyaka 63 akaba yarigeze kandi kuba umushikiranganji w kwivuna abansi, yitoje mu kibanza c’umukuru w’igihugu inyuma yaho Jose Eduardo dos Santos amenyeshereje ko atazosubira kwitoza,amaze imyaka 38 ari ku butegetsi.
MUGISHA Van Naris
