Bamwe mu bamenyeshamakuru bankiwe kwinjira kurondera amakuru mw’ibohero rikuru rya MPIMBA

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 10 Nyakanga 2017 saa 11:46
Yasomwe : 19800
0 0

Umumenyeshamakuru w’Ikinyamakuru IGIHE ari mu bamenyeshamakuru bankiwe kwinjira kurondera amakuru mw’ibohero rikuru rya Mpimba, ahagira habere mu gatondo ko kuri uwu w’Imana urukino rw’umupira w’amaguru rwahuza urwaruka rwo mw’ishirahamwe APJ n’urwaruka rupfungiwe muri iryo bohero.

Ishirahamwe APJ (Association pour la Promotion des Jeunes) ryatunganije urwo rukino rw’umupira w’amaguru mu ntumbero y’ugukomeza amahoro hamwe n’umubano mwiza hagati y’urwaruka rupfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura. Iryo shirahamwe ryaratumiye ibinyamakuru kugira bikurikirane ivy’urwo rukino. Ikinyamakuru IGIHE cari carungitse umumenyeshamakuru aho kw’ibohero rikuru rya Mpimba, yitwaje ibimuranga hamwe n’ubutumire bw’iryo shirahamwe.

Uwujejwe umutekano muri iryo bohero yanditse amazina y’abamenyeshamakuru bari barungitswe kuri iryo bohero, bagira banjire niho yahabwa kuri Terefone ngendanwa itegeko rivuga ko abamenyeshamakuru b’insamirizi n’imboneshakure y’igihugu (RTNB : Radio Télévision Nationale du Burundi) aribo bonyene binjira. Abandi bose bakorera ibindi bimenyeshamakuru babwiwe ko botaha.

Mu rwego rw’igihugu rujejwe kugenzura itangazamakuru (CNC : Conseil National de la Communication) bavuga ko ata nsiguro ihari yotuma bamwe mu bamenyeshamakuru bemererwa kuronka amakuru, abandi bakankirwa.

Aimé-Divine NIYOKWIZIGIRA, umuvugizi wa CNC amenyesha ko muri urwo rwego badashigikiye ivyo vyakozwe n’umuyobozi w’ibohero rikuru rya Mpimba.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha