IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Musigati : Abitwaje inkoho bateye ku rugo rw’umukuru w’umutumba (...)

Musigati : Abitwaje inkoho bateye ku rugo rw’umukuru w’umutumba Mpishi

mardi 5 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Urugo rwatewe n’abitwaje inkoho bataramenyekana ni urwa MUSAFIRI Paul asanzwe ariwe mukuru w’umutumba Mpishi intara ya Bubanza, aho akaba yari nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro ryo kuri uwu wa mbere.

Nk’uko vyemezwa n’igiporisi, abateye urwo rugo barashe amasasu menshi, ariko ayo masasu akaba atawe yahitanye.

Umuntu umwe niwe yakomerekeye muri ico gitero, uwo nawe akaba ari uwitwa MIBURO Wilson asanzwe ari umukozi muri urwo rugo, yakomeretse mu kiganza ariko agwana yugara umuryango kugira abo bitwaje inkoho ntibinjire mu nzu y’umukuru w’umutumba.

Uwakomeretse ariko avurirwa kw’ivuriro rito rya zone Musigati.


MUGISHA Van Naris na Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.