IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bubanza : Umugore n’umwana yari ahetse bishwe bakerewe izosi

Bubanza : Umugore n’umwana yari ahetse bishwe bakerewe izosi

dimanche 16 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Barakamfitiye Beatrice yahora aba mu kigwati c’abateshejwe izabo muri komine Rugazi, mu ntara ya Bubanza, yishwe aciye umutwe n’abantu bataramenyekana, mu gatondo ko kuri uwu w’Imana. N’umwana w’imyaka ibiri yari ahetse bamutemaguye n’umupanga gushika aho yitaba Imana nawe.

Abanyagihugu begereye ahakorewe ubwo bwicanyi bamenyesha ko uwo mugore yishwe yari azindutse kurangura imihwi asanzwe adandaza, akaba yategerewe n’abantu bitwaje imipanga, baramutemagura, mu nyuma bamukerera izosi.

N’umwana w’umukobwa w’imyaka ibiri yari ahetse bamutemaguye, nawe nyene mu nyuma baramukerera izosi.

Ivyo biziga vy’abo bantu babiri vyabonwe ubwa mbere n’abanyagihugu bari bazindukiye gusenga, baca batabaza abajejwe intwaro.

Mu matohoza yakozwe n’igiporisi, abantu babiri nibo bamaze gufatwa, abo nabo akaba ari umugabo w’uwo mukenyezi, bikavugwa ko bari basanzwe babanye nabi. Uwundi yafashwe ni umwana w’uwo mukenyezi yishwe, uwo nawe akaba ari umusore yiga mu mashure yisumbuye.

Mu giporisi co muri komine Rugazi bamenyesha ko amatohoza abandanya.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.