Bujumbura : Abakenyezi biyamirije icegeranyo c’abahinga ba ONU

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 9 Nyakanga 2017 saa 12:12
Yasomwe : 14841
0 0

Bamwe mu bakenyezi b’abarundikazi batunganije urugendo mu gisagara ca Bujumbura kur’uno wa gatandatu igenekerezo rya 9 nyakanga 2017 ,mu ntumbero yo kwiyamiriza icegeranyo c’umurwi c’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU wakoze amatohoza ku Burundi.

Ico cegeranyo c’akozwe n’umurwi w’abahinga batatu b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU giherutse gusohoka, cerekanya ko hari ibikorwa vyo gusinzikaza agateka ka zina muntu mu Burundi,kigasaba sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI gutanguza amatohoza ku mabi yakozwe mu Burundi kuva mu mwaka wa 2015.

Abo bakenyezi bagizwe n’abashingamateka n’abakenguzamateka,hamwe n’abandi bakenyezi bahuriye mu kibanza citiriwe ukwikukira hagati mu gisagara ca Bujumbura,ari naho batanguriye urugendo.

Bimwe mu vyandiko bari bitwaje vyavuga biti: ’’Ihuriro ry’abakenyezi mu Burundi rirateye ivyatsi ayo marementanya akorerwa igihugu cacu n’akarwi ka ONU biboneka yuko bakibandanya wa mugambi wabo ugayitse ku gihugu cacu,mu gutanga ama raporo y’ibinyoma nkuko bagiye barabikora”.

Ibindi vyandiko vyavuga biti: “Abakenyezi twese hamwe mu bwoko bwose turiyamirije amabi aremekwa igihugu cacu ,nta honyabwoko ririko rirategurwa mu Burundi”.

Tubibutse ko icegeranyo ca ONU ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi giheruka gusohoka casaba Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye CPI gutanguza amatohoza ku bugizi bwa nabi hamwe n’ayandi mabi yakozwe mu Burundi kuva mu mwaka w’2015.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryamenyesheje ko ridashigikiye ko amatohoza atanguzwa ku bategetsi bamwe bamwe b’Uburundi.

Muri Reta y’Uburundi, bagumye bamenyesha ko batazokwigera bemera ivyo vyegeranyo kuko birimwo ibinyoma, kandi bikorwa uruhande rwa Reta rutabajijwe.


Kumenyekanisha

1
Ntakirutimana John 10-09-2017 à 21:00

Abontibakwije mumitwe harico bahajije!
iconzico nuko arabagore babamwe bahoneje inganda hano muburundi.
Mbega amakungu arayobewe kohariho abagore babicanyi?
mwibuke murwanda mubakoze ihonyabwoko nabagore barimwo, ivyo ntawe vyotangaza rero kongaha muburundi abantunkabo baruzuye.
None ivyobijuju ivyoberekanye batohoje nabo nivyahe bozana mwibarabara bihinyuza ivyatohojwe na ONU?, ivyo ndavyita kurwara mumutwe.

2
nephtalie 10-09-2017 à 15:28

bareke bavyiyamirize bavyiyamirije hageze sibo bonyene ico cegeranyo c’ibinyoma bakibonamwo amahinyu.Mwizera ubutungane bwo mubulayi mugasuzugura ubutungane bw’igihugu canyu n’ubwo kumugabane wanyu wa Africa.Abanyabulayi barabashuka.

3
BUSURAHENDE 10-09-2017 à 12:55

Mbega abo bashiki b’imbonerakure iyo bahimvye kubera barya inguvu z’abanyagihugu birigwa baracugwa bufuni na buhoro baca baja ku gasozi ngo nta mabi akorwa mu burundi?

4
Muzogezaryari 9-09-2017 à 13:05

Reka kugora abo batamakazi mubajana mubitagira ikimazi ngo muriyerekana!

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha