IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashaka kurorera inkino z’abasirikare bo muri EAC binjira ku (...)

Abashaka kurorera inkino z’abasirikare bo muri EAC binjira ku buntu

samedi 26 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri iryo higanwa, inkizo zitunganijwe ku ncuro ya 11, bikaba bitegekanijwe ko haba inkino z’umupira w’amaguru, inkino z’umupira w’amaboko Basketball, Volleyball na Netball, hamwe no gusiganwa "Cross country".

Isaha zitandatu z’umurango, abategetsi batandukanye n’Uburundi bamaze gushika aho ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE, aho tukaba twobabwira nk’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA, abaserukira ibihugu vyabo. N’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko, Liberat MPFUMUKEKO yitezwe aho ku kibuga. Amakuru dukura aho ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE avuga ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ariwe aza kwugurura icese izo nkino.

Umukuru w’umurwi ujejwe gutegura izo nkino, Gen de Brigade Marius NGENDABANKA amenyesha ko ibihugu vyose vyari vyitezwe guserukirwa muri ayo mahiganwa ya gisirikare ahuza ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko vyashitse, n’abakinyi bavyo bakaba bari i Bujumbura.

Ibihugu bitanu nivyo vyitavye iryo ihiganwa : Uburundi, Kenya, Ubuganda, Tanzaniya, n’igihugu ca Sudani yo mu Bumanuko caje nk’indorerezi kuko ari ihiganwa rya mbere ritunganijwe kuva cemerewe kwinjira mw’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Izo nkino zitanguye kuri uwu wa gatandatu zizorangira kw’igenekerezo rya 6 Nyakanga 2017. Zitanguzwa n’urukino ruhuza igihugu ca Kenya n’igihugu c’uburundi, mu rukino rw’umupira w’amaguru, rukaza kuba isaha icenda. Abateguye izo nkino bavuga ko abashaka kurorera binjira ku buntu.

Tubamenyeshe ko Uburundi bwakiriye ku ncuro ya kabiri izo nkino, irya mbere akaba yari mu mwaka w’2011. Inkizo nk’izo zo mu mwaka uheze w’2016 zabereye mu gihugu c’Urwanda, Uburundi bukaba butaserukiwe kuri iyo ncuro yagira iya 10 y’izo nkino. Urwanda narwo rukaba rutaserukiwe mu Burundi kuri iyo ncuro igira iya 11.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.