Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Amatoni arenga icenda y’ikawa yafashwe
 Bujumbura : Amatoni arenga icenda y’ikawa yafashwe
 Bujumbura : Amatoni arenga icenda y’ikawa yafashwe
				
				vendredi 7 Mukakaro 2017, par
Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko uwafatanywe iyo kawa avuga ko yari ayikuye i Buyengero mu ntara ya Bururi, ayijanye mu ntara ya Kayanza.
Ku kibazo c’ukumenya igituma iyo kawa itari ijabukanwe imbibe z’Uburundi yafashwe n’igiporisi, Moise NKURUNZIZA asigura ko hari ingingo yafashwe na Reta y’Uburundi ibuza ko ikawa iva mw’ikomine ijanwa mu yindi.
Abajejwe intwaro akaba aribo bazoca bafata ingingo y’ico iyo kawa yafashwe yokoreshwa.
Egide NDUWIMANA

Messages
11 Mukakaro 2017, 13:08