IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Bamwe mu banyagihugu baridogera ishirahamwe BCCO rijejwe gukura (...)

Bujumbura : Bamwe mu banyagihugu baridogera ishirahamwe BCCO rijejwe gukura iyarara

mercredi 27 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Abavuga ko bamara iminsi myinshi badakuriwe iyarara ni abo muma zone ya Cibitoke, Kinama, Carama, Ngagara, hamwe na Gihosha.

Mw’ishirahamwe BCCO baremera ko iminsi itari mike ishobora guhera badakuye iyarara hamwe hamwe, ariko bakavuga ko kenshi biba vyatewe n’imiduga iba yagize ibibazo, bagaca babanza kurondera abafundi bo kuyikora. Muri ico gihe, nk’uko muri iryo shirahamwe babivuga, aho hantu iyo muduga yaba yari kuja gukura iyarara, ntihaba hagitunganirijwe. Muri iryo shirahamwe bemeza ko bariko barakemura ico kibazo.

Iryo shirahamwe rivuga ko ririko rikosora utugorane twibonekeza mu gihe umukuru w’igisagara ca Bujumbura aheruka kumenyesha ko igikorwa c’ugukura iyarara mu ngo kigiye guhabwa ama koperative. Freddy MBONIMPA avuga ko mu kwezi kw’icumi kwimirije, amashirahamwe azotamenyeshwa ibisabwa kugira atangure guhiganirwa gutsindira iyo soko y’ugukura iyarara mu ngo zo mu gisagara ca Bujumbura


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Ntagitangaje kirimo DD nivyo nyene bishoboreye

  • Mairie ya Bujumbura irakwiye guha uruhusha ayandi mashirahamwe yoza yuganira BCCO kuko biragaragara neza ko iryo shirahamwe ryataniwe kuko rikora ryonyene. Nko muri zone Kamenge amezi abiri arakwiye iryo shirahamwe ridatora imicafu, icibonekeza nuko usanga iyo micafu irunze kumabarabara ikanasanzariraho kubera ko mumpangu abene gihugu baba babuze aho bayishira. Hari hakwiye ko Commune yose iba ifise ishirahamwe ritora imificafu bisigura ko nimiburiburi Mairie ikwiye kuba ifise ishirahamwe 3. Mairie rero yoraba ingene ikemura ico kibazo vuba bwango kugira amagar y’abenegihugu ntageramirwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.