IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura : Igiporisi cahagaritse abantu batatu bagirizwa ubusuma

Bujumbura : Igiporisi cahagaritse abantu batatu bagirizwa ubusuma

samedi 24 mars 2018

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano avuga ko uwa mbere yahagaritswe ari HABONIMANA Célestin ava mu ntara ya Kayanza, yahagarikiwe hafi y’igituro kidandaza igitoro Naomi co mu Kinindo.

JPEG - 27.3 ko
HABONIMANA Célestin, yafashwe afise umupanga

Pierre NKURIKIYE avuga ko HABONIMANA Célestin yahagaritswe hafi isaha zitandatu z’ijoro n’igice zo kur’uyu wa gatanu,afise umupanga.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko abandi bahagaritswe ari abasuma babiri bafatiwe mu Nyabugete, bafise amaradiyo, amamatera, imbugita, n’ibikoreshwa mu gutanga umuyagankuba uvuye ku mishwarara y’izuba.

JPEG - 35.7 ko
Babiri bafashwe bafatiwe mu Nyabugete, bivugwa ko ari abasuma

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko abo basuma babiri, bafatanywe kandi, ibikoresho bakoresho mu kwugurura amazu, imbere y’uko biba ibirimwo.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.