Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura : Igiporisi cahagaritse abantu batatu bagirizwa ubusuma
Bujumbura : Igiporisi cahagaritse abantu batatu bagirizwa ubusuma
samedi 24 mars 2018
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano avuga ko uwa mbere yahagaritswe ari HABONIMANA Célestin ava mu ntara ya Kayanza, yahagarikiwe hafi y’igituro kidandaza igitoro Naomi co mu Kinindo.
- HABONIMANA Célestin, yafashwe afise umupanga
Pierre NKURIKIYE avuga ko HABONIMANA Célestin yahagaritswe hafi isaha zitandatu z’ijoro n’igice zo kur’uyu wa gatanu,afise umupanga.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko abandi bahagaritswe ari abasuma babiri bafatiwe mu Nyabugete, bafise amaradiyo, amamatera, imbugita, n’ibikoreshwa mu gutanga umuyagankuba uvuye ku mishwarara y’izuba.
- Babiri bafashwe bafatiwe mu Nyabugete, bivugwa ko ari abasuma
Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko abo basuma babiri, bafatanywe kandi, ibikoresho bakoresho mu kwugurura amazu, imbere y’uko biba ibirimwo.
MUGISHA Van Naris
Messages
26 mars 2018, 15:14, par Aristide Noris
Polisi nikomere kumurego wo gutuza abashaka kurya ivyo batabiriye akuya.Banarabeko muribo atabinyegejemwo kuko nta mwonga ubura isato,iba idahizwe.
9 avril 2018, 19:39, par Niyongere Orivye
kobafa tanwe itonga n
ugumfugwa umwaka.Umwe.