IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Imyiyerekano y’ukwiyamiriza ubumwe bwa Buraya

Bujumbura : Imyiyerekano y’ukwiyamiriza ubumwe bwa Buraya

samedi 28 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Imyiyerekano y’ukwiyamiriza icegeranyo ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya riheruka gusohora ku Burundi yatunganijwe mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu gihugu cose kuri uwu wa gatandatu.

Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bamenyesheje ko abantu isinzi aribo bari bitavye iyo myiyerekano y’ukwiyamiriza ivyashikirijwe n’ubumwe bwa Buraya, ko agateka ka zina muntu katubahirijwe mu Burundi, kandi ko ata mutekano uhari mu gihugu c’Uburundi.

Muri ubwo bushikiranganji bakavuga ko ico ari ikinyoma ata kindi kigamije atari ugucapfuza isanamu y’igihugu c’Uburundi.

Tubibutse ko inama nshingamateka y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya isaba irekurwa bidatevye kandi atabibanje gusabwa ry’abantu bose bapfunzwe kubera ivyiyumviro vyabo vya politike.

Yisunze uko ibintu vyifashe mu Burundi, inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya yibutsa abarongozi b’Uburundi kwubahiriza no gukingira agateka ka zina muntu.

Inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya isaba kandi ibihugu bigize ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya kwongereza utwigoro twavyo mu gushigikira n’ugukingira abaharanira agateka ka zina muntu n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.

Reta y’Uburundi imenyesha ko inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya yafashe ingingo kw’igenekerezo rya 19 Nzero umwaka wa 2017, yisunze ibinyoma.

Mw’itangazo ryashikirijwe n’umuvugizi akaba n’umunyamabanga wa Reta, Firipo NZOBONARIBA, Reta y’Uburundi imenyesha ko ingingo y’inama nshingamateka ya Buraya ihonyanga ingingo z’inama nkenguzamateka na nshingamateka z’Uburundi.

Muri iryo tangazo, Reta y’Uburundi imenyesha kandi ko ingingo y’inama nshingamateka ya Buraya ikengera ubwigenge bw’abanyagihugu kuko aribo bitoreye inama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Uburundi.

Umuvugizi wa Reta abicishije muri iryo tangazo, avuga ko Reta itangazwa n’ingene inama nshingamateka isohora itangazo risa n’iryashikirijwe n’ishirahamwe Human Right Watch inyuma y’umunsi umwe gusa, kandi Human Right Watch yagumye isohora ivyegeranyo vy’ibinyoma kuva imbere y’umwaka wa 2015.


IGIHE

Messages

  • Murateye ikigongwe kweli,ahubwo murare mw’ibarabara,Union Europeene ibandanye ifyonda DD gushika naho

  • Ko mwibagiwe kwiyamiriza u Bubiligi n’u Rwanda?mubandanye muyerera ngo muriyamirimiriza Union Europeene, hhaahh

  • Murica abanyagihugu buri munsi none NGO barababeshera?igihe kizogera uwishe abibazwe

  • Barabuzwa niki kwilirwa mumuhanda ko ntakazi bagira.

  • mbe vyarivyo cangwa ntivyarivyo?mbe barashikuza cangwa ntibashikuza?.aruko ntitwobrekura bakaraba atarivyo bakibonera none abarundi ntiduciyubwenge harico botubeshera tukavyemera atarivyo rro nitureke kujamwibarabara.komera

  • Ici on remarque que Human Right Watch est un outil forge par ces europeens de l’UE pour continuer et renforcer leur politique de domination en Afrique. Le peuple africain en general et burundais en particulier a deja decouvert et compris leur jeu de petits enfants.

  • None Uwo Yasohoyê Iryo Tangazo Ntiyabona Ingene Muburuni Bimez Emwe I ryoshishirahamwe Rya buraya Riracafash Ingingo Zibinyoma Pe---’-

  • Barabuzwa niki kwilirwa mumuhanda ko ntakazi bagira.

  • What is this?nn ubwo agakomye kose nimwibarabara?kumengo abategetsi mufise ubwoba?amahoro muvuga n’ayahe?

  • Abarundi murateye ikigongwe,mwaragowe

  • @CAUDE, uwoyasohoye iryotangazo abobanya Bulaya bakorerako ntaho ataniye numwe yafata amabi hakorewe muri Nijeria nintagondwa akabihindura akavyita kwaribikorerwa Burundi muntara ya Karuzi, nukuvuga biriya iyo abahinga batigora bagakora research bakabona iyovyazanaye, nunomusi vyarikuguma vyitwako aramabi yakorewe muburundi muntara ya Karuzi.
    Niyimpamvu tutazigera tunuma iyobakoneje kutwambika ibara tutakoze tuzojamwibarabara mpaka kugeza igihe Yesu azogarukira ndabarahiye, abandinabo bavugango nimpaka twese duheze ivyovyose mubifate nkankama.
    Noneho kubera Yesu arinyishu twamazekumenyako hariho abazungu babanya Buraya bariko barabwira indongozi zaboko nibakomeza kwifata nkukobifata mwikigihe kuburundi konabo bagomba kuja mwibarabara kubiyamiriza ngocanke burigihugu ukwokigiye munatira umukandida azoza aravugako bakwiye kuva muvyubumwe bwa Bulaya abariwe bazocabaza barakora.
    Ntimugire ndabahenda igituma arivyo mumisi ubulaya harivyo bugomba gutangura kwubahiriza bisabwa nu Burundi, ivyobazobikora kugira bahumwe amaso abanya Bulaya kugira ntibaje mwibarabara kwiyamiriza amabi ubumwe bwaburaya bukomeje gukorera uburundi.

  • Twentabwo Kwiyamirija Imihimbiri Abasuma,abambuji Tubiyamirije Kabisa

  • Ivyobihugu mwiyamiriza!, ndavyita kumaramara ukumaramara kumugabo nuko amaramara. Abobazungu ntibitevye kabiri kuzokwiruka kubambambira mubatega amashi!,nakare mwarimusazwe muri bamayibobo bogutega amashi abazungu. Murabo bose bagiye mwibarabara,beshi bafatwa kunguvu nigiporisi bagatwagwa mwibarabara, naje iyontinyegeza narigutwarwa kunguvu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.