IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Abashaka kwitura ubutungane ntibabushikira bose

Burundi : Abashaka kwitura ubutungane ntibabushikira bose

mardi 30 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu ntumbero yo gufasha kugira abantu bose baronke uburenganzira bukwiye ku butungane, ishirahamwe rijejwe gukurikirana ibikorwa vya Reta (OAG) rifadikanije n’ishirahamwe ry’abacamanza b’abakatorika mu Burundi (AJCB ), ryatunganije inama kuri uwu wa kabiri igenekereezo rya 30 Rusama 2017, yo kurabira hamwe intambanyi zituma ubutungane budashikira bose hamwe no guterera icokorwa kugira ubwo butungane bushikire bose.

Fabiyano Segatwa yashikirikije icigwa yamenyeshekeje ko intambanyi zituma abantu bose batitura ubutungane zifatiye ku bukene bw’igihugu, ubukene mu banyagighugu hamwe n’ukutamenya amategeko, gutyo bigatuma abantu badashobora kwitura ubutungane kandi bwari uburenganzira bw’umuntu wese, yaba muto canke mukuru.

JPEG - 48.7 ko
Umushingwamanza Fabiyano SEGATWA

Kugira abantu bose bashobore kuronka akaryo ko kwitura ubutungane, Fabiyano Segatwa yasavye ko icokorwa ubwa mbere ari uko amategeko atawoja hejuru y’amategeko.

Segatwa yagize ati : "Habaye ubwigenge bw’abacamanza vyoha icizere abantu, gutyo bakahurumbira kwitura ubutungane babufisemwo icizere, kuko nta mucamanza yaciye urubanza rwiza mu myuma arahanwa, ariko uwuruciye nabi ikibanza ciwe kibarizwa mw’ibohero".

Kubw’umushingwamanza Segatwa, nta mucamanza yovuga ko atagira ubwigenge, kandi abuhabwa n’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.

Segatwa yasavye uwaserukiye inama nshingamateka y’Uburundi ko urwo rwego rwofasha amategeko akaja mu ndimi abantu bose bumva.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • oohooo,ngo ntawaciye urubanza neza ng’ahanwe,je ndabona ubu wihenze ukaruca neza ariho uhembwa umunyororo sinzi nimba ubutungane bugendera kw’ibwirizwa shingiro canke kuntwaro iba ihari kuko iyubu yo mu Burundi ibisa neza vyera barabihinduye bisa neza aruko vyirabura.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.