IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bururi: Umuryango wa Armel RUBERINYANGE usaba kumenyeshwa aho uwabo (...)

Bururi: Umuryango wa Armel RUBERINYANGE usaba kumenyeshwa aho uwabo apfungiwe

mardi 24 Nzero 2017

Umuryango w’umusore Armel RUBERINYANGE yafashwe n’igipolisi muri Komine ya Bisoro,mu ntara ya Mwaro basaba kumenyeshwa aho uwabo apfungiwe kugira bashobore kumubona.

Abo mu muryango wa Armel RUBERINYANGE bamenyesha ko haheze indwi batazi aho uwabo apfungiwe ,kuko bamurondeye hose mu busho bw’igipolisi mu ntara ya Bururi ariko bamubuze kandi ko bafise impungenge ku mutekano wiwe.

Abari hafi yaho Armel RUBERINYANGE yafatiwe bavuga ko yafashwe n’abapolisi babiri baca bamujana mu gasho k’igipolisi ,mu Mugamba mu ntara ya Bururi.

Komiseri w’igipolisi mu ntara ya Bururi amenyesha ko Armel RUBERINYANGE atanyurujwe nkuko mu muryango wiwe babivuga. Igipolisi kimenyesha ko Armel RUBERINYANGE akurikiranwa ku mvo z’ubwicanyi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.