IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CNJB : "ingero y’uwushatse gutembagaza ubutegetsi ni urupfu, ugupfungwa (...)

CNJB : "ingero y’uwushatse gutembagaza ubutegetsi ni urupfu, ugupfungwa canke kwangara"

vendredi 3 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Ihuriro ry’urwaruka ku rwego rw’igihugu ryatumyeko imyiyerekano yatumiwemwo urwaruka ruhurikiye mu migambwe itandukanye, mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe n’abo mu mashengero.

Ihuriro CNJB (Conseil National de la Jeunesse au Burundi) rimenyesha ko iyo myiyerekano izoba kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 4 Ntwarante 2017, ikaba azoba ari iyo gushigikira inzego zatowe mu mwaka w’2015, hamwe n’ugushimira bimwe mu bihugu bibanyi bifitaniye imigenderanire mwiza n’Uburundi.

Mw’itangazo ry’ubutumire ryasohowe na CNJB, bamenyesheje biyamirije kubona mu biganiro vyabereye i Arusha muri Tanzaniya haratumiwe abashatse gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015. Muri iryo huriro bavuga ko abo bashatse gutembagaza ubutegetsi bwakwiye gufatwa bagashikirizwa ubutungane, bakibutsa kandi ko "ingero y’uwushatse gutembagaza ubutegetsi ari urupfu, ugupfungwa canke kwangara."

Muri iyo myiyerekano izoba kuri uwu wa gatandatu, bazokwiyamiriza kandi Jamal BENOMAR, intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi, bakamwagiriza ko aguma atumirwa mu biganiro bihuza Abarundi i Arusha kandi Reta y’Uburundi yaramaze gusaba ko yosubirizwa.

Ihuriro CNJB rivuga ko ryiyamiriza ryivuye inyuma ibiganiro vyose vyojana Uburundi mu ntwaro mfatakibanza.

Muri iryo tangazo ry’ubutumire bagize kandi bati : "Turiyamirije amashirahamwe amwe amwe ata kindi akora atari ukurementaniriza igihugu cacu. Twotanga uburorero : Human Right Watch, FIDH, Amnistie International. Dusavye Reta y’Uburundi ko yoshiraho vyihuta umurwi ujejwe guhinyanyura ibwirizwa shingiro, wisunze ivyavuye mu biganiro vy’abarundi, yaba ivyabereye mu gihugu hagati canke hanze y’igihugu."


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.