IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > umutekano > CPC Alain Guillaume BUNYONI :Abiyerereza n’abasegerereza biva kw’itituka (...)

CPC Alain Guillaume BUNYONI :Abiyerereza n’abasegerereza biva kw’itituka ry’imico

Thursday 28 December 2017, by Jean De Dieu

CPC Alain Guillaume BUNYONI yagize ati: “ Abiyerereza n’abasegerereza n’ingorane ku gihugu biva kw’itituka ry’umutekano hamwe no kwitituka ry’imico y’igihugu. ”
Naho biruko uyo mushikiranganji avuga ko ivyo bikorwa vyo gusegerereza no kwiyerereza bihanwa n’amategeko mpanavyaha.

CPC Alain Guillaume BUNYONI ashikiriza yuko benshi murabo bantu basegerereza hamwe n’abiyerereza bafise imiryango bavamwo ari naco gituma reta izokora ibishoboka kugira ishobore kumenya neza abantu murabo badafise imiryango.

Uyo mushikiranganji w’umutekano yibutsa ko Reta yafashe ingingo yo gushiraho ibigo hamwe n’ibigega mu ma komine bizofasha abazoba bamenyekanye ko batagira imiryango bavamwo.

Ishirahamwe ryitaho agateka k’abana FENADEB riheruka gusaba yuko ikiringo catanzwe kugira abantu basegerereza hamwe n’abiyerereza mu gisagara bave mu gisagara ko cokongererezwa hongere hamenyekane igituma abantu baja mw’ibarabara .


Bikorimana Vianney

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.