IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrique: Abasirikare bava muri Congo Brazaville bagiye kuva muri (...)

Centrafrique: Abasirikare bava muri Congo Brazaville bagiye kuva muri Minusca

jeudi 22 Ruheshi 2017

Nkuko biri mw’itangazo ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, abasirikare bava mu gihugu ca Congo Brazaville bagirizwa kuba bakora icaha co gufata abagore ku nguvu.

Iryo tangazo nyene ry’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rimenyesha ko igikorwa co gusubiriza abasirikare bava mu gihugu ca Congo Brazaville kirimwo ibibazo.

Si abasoda bava mu gihugu ca Congo Brazaville gusa bagirijwe ibikorwa nk’ivyo,kuko n’abasirikare b’Ubufaransa bari mu gihugu ca Centrafrique baragirijwe gukubagura abagore muri Centrafrique.

Gushika ubu, abasirikare 13000 nibo bari mu gihugu ca Centrafrique kugarukana amahoro, mu rwego rwa Minusca.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.