IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke-Buganda: Ababa muri SIte ya Gateri basaba gufashwa

Cibitoke-Buganda: Ababa muri SIte ya Gateri basaba gufashwa

mercredi 18 Nzero 2017

Abanyagihugu baba muri Site ya Gateri, muri Komine Buganda ,Intara ya Cibitoki bamenyesha ko ubuzima babayemwo buguma bugora ku mwaka ku mwaka,bagasaba abategetsi b’intara kubagarukirako,kuko batabona icotuma bava mu buzima bubi babayemwo.

Nkuko bishikirizwa na Ibrahim NIYONKURU arongoye site Gateri,iyo Site irimwo abantu 300,ikaba yubatswe mu mwaka wa 2016 kugira yakire impunzi.

Ababa muri iyo site bavuga ko kubera bubakishije amabati,iyo imvura iguye,imivo ibasanga aho bari ,bigatuma kandi batarangura neza ibikorwa vyo mu muryango,kuko baba abana,abavyeyi bose basangira uburyamo.

Abo baba muri iyo site ya Gateri bamenyesha ko bishika bakarara canke bakirirwa ataco bafunguye kuko ata matongo yabo yo kurima bafise .Bavuga ko iyaba bafise amatongo boyarima kugira bimbure nk’abandi nabo bashobore kubaho n’imiryango yabo.

Ababa muri Site Gateri bamenyesha ko hejuru y’inzara bashobora gufatwa n’indwara zo ku rukoba kuko babana n’ibitungwa.Basaba gufashwa mu bijanye n’uburaro hamwe n’amatongo yo kurima.

Ku ruhande rw’abajejwe intwaro mu ntara ya Cibitoke basaba abo baba muri iyo Site ya Gateri gusubira mu mihana iwabo,akamenyesha ko abazofashwa ari abadafise amatongo aho bavuye .


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.