IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke : Ibiziga bibiri vyakuwe mu ruzi Rusizi

Cibitoke : Ibiziga bibiri vyakuwe mu ruzi Rusizi

jeudi 8 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi kijejwe gukinga impanuka mu ntara ya Cibitke cakuye mu ruzi Rusizi ibiziga bibiri vyari bimaze iminsi ibiri nyene bireremba kuri urwo ruzi. Ico gikorwa cabaye mu gatondo ko kuri uwu wa kane.

Ivyo biziga bibiri bigizwe n’umugabo hamwe n’umukenyezi vyatowe bireremba mu ruzi Rusizi kuri uwu wa kabiri, muri komine Rugombo, intara ya Cibitoke, bikaba vyabonwe n’abanyagihugu bari bagiye mu mirima.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Cibitoke bamenyesha ko abo bantu batowe ibiziga batamenyekanye, n’abanyagihugu bo muri ako gace ibiziga vyatowemwo bakaba bamenyesheje ko batashoboye kumenya abo bantu.

Abo bajejwe intwaro bavuga ko batevye gukura ivyo biziga mu ruzi Rusizi kubera ukubura ibikoresho hamwe n’abahinga, bikaba vyabonetse kuri uwu wa kane.

Uburongozi bw’intara ya Cibitoke bwaciye bufata ingingo y’uguhambisha ivyo biziga, kuko vyari vyamaze kwononekara.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.