Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Umuntu yahitane na Gerenade, bane barakomereka
 Cibitoke : Umuntu yahitane na Gerenade, bane barakomereka
 Cibitoke : Umuntu yahitane na Gerenade, bane barakomereka
				
				mardi 17 Gitugutu 2017, par
Nk’uko mu giporisi babimenyesha, iyo Gerenade yatewe n’abantu bataramenyekana, ku rugo rwa Ntacobita Ismail na Nsabimana Didace.
Abo bantu bo mu muryango umwe bakomerekejwe na Gerenade ni Misigaro Chadrak, Nduwimana Désiré, Niyomahoro Josiane, hamwe na Ntaconayigize, bakaba bariko bavurirwa ku bitaro vy’intara ya Cibitoke.
Abantu babiri nibo bamaze gufatwa n’igiporisi ku mvo z’amatohoza, mu giporisi bakavuga ko amatati y’amatongo hamwe n’ukwagirizanya uburozi arivyo vyoba biri inyuma y’ubwo bugizi bwa nabi.
Egide NDUWIMANA
