Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi Colonel Gaspard BARATUZA amenyesha ko imishahara y’abasirikare b’Abarundi bahora kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya igiye kuboneka mu minsi ya vuba.
Colonel Gaspard BARATUZA avugira igisirikare c’Uburundi amenyesha ko imishahara y’amezi atatu yo mu mwaka wa 2016, igiye kuja mu kigega c’ibanki nkuru y’igihugu kugira ice irungikwa ku makonte y’umusirikare umwe umwe wese.
Kubwa Colonel Gaspard BARATUZA, hari kandi iyindi konte yamaze kwugururwa mw’ibanki imwe y’ubudandaji kugira izoshirweko imishahara yabo basirikare bahora kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya.
Colonel Gaspard BARATUZA yabishikirije kuri uno wa kane igenekerezo rya 16 Ruhuhuma,umwaka wa 2017 igihe abasirikare 952 bari bahejeje gufata indege bagenda mu gihugu ca Somaliya mu gikorwa co kugarukana amahoro.
MANA GARUKIRUBUNDI