IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Col Gaspard BARATUZA avuga ko ibitigiri vyubahirijwe mu kwinjiza mu (...)

Col Gaspard BARATUZA avuga ko ibitigiri vyubahirijwe mu kwinjiza mu gisirikare

vendredi 10 Ruhuhuma 2017

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi Col Gaspard BARATUZA amenyesha ko mu kwinjiza abasirikare bashasha muri urwo rwego bisunze ivyavuye mu nama nkuru y’umutekano yakoranye mu kwezi kw’indwi umwaka wa 2016.

Colonel Gaspard BARATUZA avugira igisirikare ubushikiranganji bwo kwivuna abansi amenyesha ko mu binjiye mu rwego rw’igisirikare bagize n’ibice 60 kw’ijana vy’abahutu hamwe n’ibice 40 kw’ijana vy’abatutsi nkuko biri mw’ibwirizwa nshingiro.

Colonel Gaspard BARATUZA avuga ko mu gisirikare binjije abasirikare b ku nzeg zose kuva ku ntwazangabo hinjiye abasore n’inkumi 109, ibisngerezi hinjiye 366 hamwe n’abandi 1000 binjiye mu rweg rw’abasirikare bato bato.

Uwo avugira ubushikiranganji bw kwivuna abansi amenyesha ko ibitigiri vy’abinjiye mu gisirikare vyavuye kandi muri rusansuma rwabaye rukozwe n’inama nkenguzamateka ku bijanye n’ukunganisha ubwoko mu rweg rw’igisirikare.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.