IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Colonel Adolphe MANIRAKIZA arahakana ko atatorotse igisirikare

Colonel Adolphe MANIRAKIZA arahakana ko atatorotse igisirikare

mercredi 28 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Colonel Adolphe MANIRAKIZA, umwe mu ntwazangabo zitatu ziheruka kwirukanwa mu gisirikare c’Uburundi amenyesha ko azokwitwarira abafashe ingingo y’ukumwirukana bamwagirije ko yatorotse igisirikare, kandi ariwe yari yaranditse amenyesha ko atanze imihoho muri ico gisirikare, ku bushake bwiwe.

Mu kiganiro yagiranye n’Ijwi rya Amerika, Colonel Adolphe MANIRAKIZA yigeze kuba umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, akaba kandi yarabaye umuvugizi w’ingabo zarungitswe kugarukana amahoro muri Centrafrique, yashikirije ko atigeze ata akazi, ahubwo akavuga ko ahejeje amabanga yari yashinzwe muri Centrafrique yandikiye umukuru w’igihugu hamwe n’umushikiranganji w’ukwivuna abansi, abamenyesha ko atanze imihoho.

Colonel MANIRAKIZA avuga ko uretse gutanga imihoho mu gisirikare c’Uburundi, yafashe n’ingingo y’ukudataha mu gihugu c’Uburundi kubera imvo z’umutekano wiwe, kuko yari afise amakuru ko atashe ashobora kugirirwa nabi.

JPEG - 26.8 ko
Colonel Adolphe MANIRAKIZA yigeze kuba umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, akaba kandi yarabaye umuvugizi w’ingabo zarungitswe kugarukana amahoro muri Centrafrique

Mu gihe akiri muri bikorwa vya MINUSCA hari intwazangabo z’Abarundi zine zirukanwe muri ivyo bikorwa, Colonel MANIRAKIZA amenyesha ko yamenye amakuru y’irementanya ryamukozweko, bavuga ko ariwe afadikanya na Parfait Onanga Anyanga, mu mugambi w’ukwirukanisha intwazangabo zo mu bwoko bw’Abahutu zarungitswe aho muri Centrafrique, mu bikorwa vya MINUSCA. Iyo ntwazangabo iheruka kwirukanwa mu gisirikare c’Uburundi imenyesha ko yaronse amakuru ko hari integuro y’ukuyigirira nabi itashe mu Burundi.

Inzego z’igisirikare c’Uburundi ntizemeye gushira umukono ku vyari vyasabwe na Colonel MANIRAKIZA yashaka kwemererwa ko atanze imihohoho. Kubw’ivyo, uwo yirukanwe mu gisirikare avuga ko igihugu [nicasubira ku murongo], azokwitwarira abafashe izo ngingo mu guhonyanga amategeko, kuko banditse ko yirukanwe kandi ariwe yisabiye kuva mu gisirikare.

Colonel Adolphe MANIRAKIZA yirukanwe mu gisirikare yari amazemwo imyaka 27. Kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, yirukanwe hamwe n’abandi basirikare b’intwazangabo babiri, abo nabo akaba ari Lieutenant Colonel Aimable HABIYAMBERE SS0546, hamwe na Capitaine Emmanuel NSAVYIMANA SS1608


IGIHE

Messages

  • Uko nuguta umutwe muribuka ivyo mwavugiye muri centrafricaine ngo muburundi nta gipolice kiriho mwabitumwa nande? eeeeeh! murakoma kweli ingusabe imbabazi abarundi twese kandi ubivugire kumugaragaro barabahenze basha bakagame ngomugiye gufata igihugu bamurazezetera iyo!

  • Uko nuguta umutwe muribuka ivyo mwavugiye muri centrafricaine ngo muburundi nta gipolice kiriho mwabitumwa nande? eeeeeh! murakoma kweli ingusabe imbabazi abarundi twese kandi ubivugire kumugaragaro barabahenze basha bakagame ngomugiye gufata igihugu bamurazezetera iyo!

  • Mbe Abamukuye Hari Amatohozwa Yakozwe?

  • Ngoyarirukanwe Ntibiteye ubwoba mbekintwazangabo wozirukanankande? Imbebayahiye kumurizo ngoburakey tuvyereke abagabo ukonukwidigadiga

  • Nisunze ivyowivugiye kukwirukana vyaringombwa ahubwo wihangane kuko intumwa yaba Biligi Onanga yaraguhenze maze wumvira ivyo akubwiye maze witandukanya nigihugu cawe.

  • UWOMUJERI NIPUMBAFU ARASHOBORA GUTA IGIHIGU NABEARANGARA AZOGARUKA ADUSANGA

  • weho sha wari umuvugizi ntuzobura abo uvugira. FOREBU canke MAPROBU uzozivugira. none abatashe hamaze gufatwa bangahe? urazi ico wiyagiriza

  • None Uyo Agombiki Ko Yikuyemwo Mukazi . Niyemerenyene Agumane Nabo Bakagame Ntakundi . Abarundi Beshi Umengo Baratayumutwe Nabandi Baroza .

  • Iyingirwa colonnel njye mbona ari intagondwa Runyenzi(sindumuja). Uwamuroze ntiyakarabye azapfa yangara. Ubuhunzi burabiha ntiburyoha azabaze Ntibantungtwuzuye uko yirwaga mwisoko mububirigi afite ududusatwutwuzuye Indya

  • None ko muvuga ko Mr Willy Nyamitwe yahungishirije Umugore n’Abana biwe muri Dallas (USA)?Amahoro yadedemba ko ayahunze!ujinga mzigo

  • Wewe Urumugabo Nubitwarire Iyomyaka Wakoreye Igihugu Urintware

  • JEWE MBONA AGIYE ARIVYIZA KUKO NABANDI BATUTSI BUMUTIMA BARAKENEYE IBIBANZA .

  • uyo mugabo ateyenabi gose kugurisha benewabo baba hutu bakirukanwa mukazi ? ewee , sinzi cagomba !

  • Colonel Adolphe Manirakiza, numushingantahe yihungiye hageze, murazi itwazangabo zimaze kugandagurwa uko zingana! kandi murabo bagandaguwe bari bararonse imburi kobagiye kugandagurwa, ngo ntiboheba igisirikare, kutagiheba bakuwe kukazi baragandagurwa, abandi basarwa aho bariko barihereza agasoda baranyuruzwa nabugingo nubu ntituramenya nirengero ryabo. Abo rero babazwa nuko atabonetse muburundi nibamwe basazwe bafatanije na Nkurunziza Petero kunwa amaraso yabenigihugu!, abavuga nabo ngo yatayumutwe,mweho muzowuta incuro 1000 ,murakoze.

  • NUKURI NTIBAKURENGANIJE WARI WABISAVYE KUVUNGO NTAMUTEKANO UHARI UBUZWA NABENE MWEBWE NYENE NAYAHANDI UBURUNDI BUZOGUMA HO NIYO HOGENDA ESE MUGWAHE INGO IWANYA NTAMUCHUNBA YAHIRIWE

  • Amahoro?None Manirakiza Yumvise Kobamwiruka Mugisirikare C’uburundi Atanguye Kwihaririza?Ahubwo Nasabe Imbabazi se Barundi Na Barundi,koyakoze Ibidakoreka.Murakoze.

  • Amahoro?None Manirakiza Yumvise Kobamwiruka Mugisirikare C’uburundi Atanguye Kwihaririza?Ahubwo Nasabe Imbabazi se Barundi Na Barundi,koyakoze Ibidakoreka.Murakoze.

  • jembona ko arikirofa kubonayataye igihugu vamwibarutse nsabe yikubite sgashi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.