IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gabon : Ingingo yafashwe na sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro (...)

Gabon : Ingingo yafashwe na sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro iritezwe

vendredi 23 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro ishikiriza kuri uwu wa gatanu kuri uwu wa gatandatu ingingo yafashwe ku wuramutswa igihugu ca Gabon, inyuma y’amatati yadutse mu matora y’umukuru w’igihugu.

Uwuhiganwa n’umukuru w’igihugu Ali BONGO, ariwe Jean Ping yabwiwe ko yatsinzwe muri ayo matora, aca yitura ubutungane, avuga ko habayemwo ubusuma, asaba ko amajwi y’ivyavuye mu matora asubirwamwo guharurwa.

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro muri Gabon yatanguye kuri uwu wa kane gusubiramwo guharura amajwi y’ivyavuye mu matora yazanye impari n’intureka zikomeye hagati y’umukuru w’igihugu Ali Bongo na Jean Ping bari bahanganye muri ayo matora.

JPEG - 84.4 ko
Jean Ping (i bubamfu), hamwe na Ali Bongo) i buryo

Abacamanza icenda bakora muri iyo sentare, bari kumwe n’ababunganira, batanguye ikco gikorwa co gusubiramwo ibiharuro vy’amajwi abo bakandida bompi bari bahanganye mu kibanza c’umukuru w’igihugu baronse, ingingo yafashwe ikaba yitezwe n’igishika kuri uwu wa gatanu canke kuri uwu wa gatandatu.

Mu gihe ivyavuye mu matora vyohinduka, umukuru w’igihugu Ali BONGO akabwirwa ko yatsinzwe na Jean Ping, buzoba bubaye ubwa mbere sentare ihakana ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu muri Afrika, nk’uko bishikirizwa na Robert Gerenge, umukuru w’ikigo cishinze gukurikirana amatora na demokrasi muri Afrika (Electoral Institute for Sustainable Democracy in Africa).

Abo bacamanza bariko basubiriyemwo amajwi yavuye mu biro vy’itora bigera ku 2800 mu gihugu hose. Bagenzura ku buryo bukomeye namba ibirego vyatanzwe na Jean Ping ndetse n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ko hari uduce twabayemwo ubusuma bw’amatora ko vyoba bifise ishingiro.

Uwo murwi usubiramwo guharura amatora uhagarariwe n’abarorerezi mpuzamakungu barungitswe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.