IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gabon : Sentare yatanguye gusubiramwo guharura ivyavuye mu matora

Gabon : Sentare yatanguye gusubiramwo guharura ivyavuye mu matora

jeudi 22 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro muri Gabon yatanguye gusubiramwo guharura amajwi y’ivyavuye mu matora yazanye impari n’intureka zikomeye hagati y’umukuru w’igihugu Ali Bongo na Jean Ping bari bahanganye muri ayo matora.

Abacamanza icenda bakora muri iyo sentare, bari kumwe n’ababunganira, batanguye ikco gikorwa co gusubiramwo ibiharuro vy’amajwi abo bakandida bompi bari bahanganye mu kibanza c’umukuru w’igihugu baronse.

JPEG - 46.6 ko
Abagize umurwi uriko usubiramwo guharura amajwi yavuye mu matora muri Gabon

Abo bacamanza basubiriyemwo amajwi yavuye mu biro vy’itora bigera ku 2800 mu gihugu hose. Bagenzura ku buryo bukomeye namba ibirego vyatanzwe na Jean Ping ndetse n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ko hari uduce twabayemwo ubusuma bw’amatora vyoba bifise ishingiro.

Uwo murwi usubiramwo guharura amatora uhagarariwe n’abarorerezi mpuzamakungu barungitswe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.