IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia: Abanyagihugu batanguye guhunga igihugu

Gambia: Abanyagihugu batanguye guhunga igihugu

mardi 17 Nzero 2017

Abanyagihugu benshi bo mu gihugu ca Gambia bariko barahunga igihugu batinya intambara zishobora kwaduka,inyuma y’uko Adama Barrow yatsinze amatora ashikirizwa ubutegetsi.

Umukozi wok u kivuko gikuru mu gihugu ca Gambia aho abo banyagihugu baca,yavuze ko abantu ibihumbi n’ibihumbi bahunga baciye kuri ico kivuko kubera gutinya intambara.

Yavuze ko imitima y’abanyagambia ihagaze arico gituma bahunga igihugu,kandi bakaba batazi ibigiye gushika mu gihugu.

Adama Barrow yatsinze amatora mu kwezi guheze kwa Kigarama umwaka wa 2016, ugushikirizwa ubutegetsi bikaba bitegekanijwe ku musi wa kane,igenekerezo rya 1 Nzero 2017.

Ariko umukuru w’igihugu Yahya Jammeh yariyamirije ivyavuye mu matora, akaba yaranse kuva ku butegetsi gushika sentare nkuru ice urwo rubanza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.