IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia:Ishirahamwe CEDEAO risaba Yahya Jammeh gukinjura ku (...)

Gambia:Ishirahamwe CEDEAO risaba Yahya Jammeh gukinjura ku butegetsi

samedi 14 Nzero 2017

Abakuru b’ibihugu vya Afrika y’uburengero bahuriye mw’ishirahamwe CEDEAO basaba umukuru w’igihugu ca Gambia Yahya Jammeh yatsinzwe mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu kwezi kwa kigarama 2016,gukinjura ku butegetsi.

Abo bategetsi bo mw’ishirahamwe CEDEAO ry’ibihugu vya Afrika y’uburengero, bagabisha umukuru w’igihugu Yahya Jammeh ko rizokoresha inguvu za gisirikare,mu gihe Yahya Jammeh yoba atarava ku butegetsi mu minsi itandatu iri imbere.

Ibihumbi vy’abanye Gambia baramaze guhungira mu bihugu bihana imbibe na Gambia nka Senegal na Guinea-Bissau, batinya intambara zishobora kwaduka muri ico gihugu.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rivuga ko ritazokwemera umukuru w’igihugu Yahya Jammeh nk’umukuru w’igihugu, ikiringo ciwe nicahera.


IGIHE

Messages

  • None Yahya Jammeh yashigikiye umukuru w’igihugu cacu muri UA, ntakuntu Pita yomurungikira abasoda bokumukingira akikurako abo basoda ba CEDEAO basi bitakunze akarungika IMBONERAKURE. Vyofasha kabisa. Erega Gambia yabikubwiyeko ko bavyibaza!!!!!!!!!!!

  • NIBADUTUMEKO TUGENDE TUBAMESE TUMUSHIGIKIRE AHONGORINJAVYI#APANA KUDUKANGIRUMNIBADUTUMEKO TUGENDE TUBAMESE TUMUSHIGIKIRE AHONGORINJAVYI#APANA KUDUKANGIRUMUGENZI

  • NIBADUTUMEKO TUGENDE TUBAMESE TUMUSHIGIKIRE AHONGORINJAVYI#APANA KUDUKANGIRUMNIBADUTUMEKO TUGENDE TUBAMESE TUMUSHIGIKIRE AHONGORINJAVYI#APANA KUDUKANGIRUMUGENZI

  • abakuru bibihugu vyafrika yuburengero nabagabo pee sinka estafrika yacu. nimukomere kumuheto murabashinkantahe mubikwiye ese africa yokwamuku twobaturi muriparadizo.nimwirambire banyakubahwa komera kabisa

  • Nimukubite iyo ntumva yumuperezida adashoboka, umwe niwe yavuze ngugutwe kwimpene kwumva kwokejwe. Nawe azokumva aruko ibombe imusabije umutwe, na Nkurunziza yarakwiye gufatirwa ingingo nkiyo uwomwicanyi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.