Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia : Macky Sall yemeye kwakira Adama Barrow gushika ashikirijwe (...)
 Gambia : Macky Sall yemeye kwakira Adama Barrow gushika ashikirijwe ubutegetsi
 Gambia : Macky Sall yemeye kwakira Adama Barrow gushika ashikirijwe ubutegetsi
				
				lundi 16 Nzero 2017
Umukuru w’igihugu ca Senegal Macky Sall yemeye kwakira Adama Barrow yatsinze amatora mu gihugu ca Gambia gushika umunsi wo gushikirizwa ubutegetsi.
Itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Senegal rivuga ko umukuru w’igihugu ca Senegal Macky Sall, yemeye kwakira Adama Barrow i Dakar, gushika igihe azoshikirizwa ubutegetsi kw’igenekerezo rya 19 Nzero 2017.
Avugira mu nama yahuje Afrika n’Ubufaransa i Bamako, umukuru w’igihugu ca Mali Ibrahim Keita yasavye Yahya Jammeh kuva ku butegetsi kugira amaraso ntaseseke, aca asaba ko hokoreshwa ubwitonzi bwamye buranga Afrika.
Adama Barrow, yatsinze Jammeh mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kwa Kigarama 2016, yahamagawe mu nama yahuza Afrika n’Ubufaransa nk’umukuru w’igihugu.
Ishirahamwe ryo mu burengero bwa Afrika, CEDEAO, risaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU kwemeza ko haba abasirikare baja kumukura ku butegetsi mu gihe hatoba ibisikanya ku butegetsi ku musi wa kane igenekerezo rya 19 Nzero 2017.
IGIHE

Messages
18 Nzero 2017, 04:22, par Nowera Nimbona
Nimukomere yasense mumwereke icama yambagwa.