IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia : Umukuru w’igihugu yatsinzwe mu matora yongewe ikiringo (...)

Gambia : Umukuru w’igihugu yatsinzwe mu matora yongewe ikiringo c’uburongozi

mercredi 18 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu Yahya Jammeh agiye kubandanya arongora igihugu ca Gambia ku yindi minsi 90, nk’uko inama nshingamateka yavyemeje. Uwo mukuru w’igihugu yafashe kandi ingingo ko igihugu cinjira mu bihe bidasanzwe. Aho ni mu gihe ikiringo ciwe coheranye n’uwu munsi wa gatatu, kugira himikwe Adama Barrow aheruka gutsinda amatora y’umukuru w’ico gihugu.

Abakuru bo mu karere baragabishije ko bashobora gukoresha inguvu za gisirikare mu kugondoza Yahya Jammeh kuva ku butegetsi asabwa gushikiriza uwatowe, Adama Barrow, ivyari bitegekanijwe kuri uwu wa kane igenekerezo rya 19 Nzero 2017.

Abanyamahanga bagizwe n’Abongereza hamwe n’abanye Hollande baharurwa mu bihumbi bariko barimurwa bakugwa mu gihugu ca Gambia.

Igihugu ca Gambia kiri mu ruhagarara kuva igihe umukuru w’igihugu Yahya Jammeh yankiye kwemera intsinzi ya Adama Barrow bahiganwa mu matora yabaye kw’igenekerezo rya mbere ukwezi kwa cumi na kabiri.

Abakuru b’ibihugu bo mu karere baragerageje kumugondozako yova ku butegetsi, ariko arabananira.

Igihugu ca Nigeria kiramaze kugomora ubwato bwaco bw’ingwano kugira kirabe ko Jammeh yokwemera gukinjura.

Ishirahamwe ry’akarere mu vy’ubutunzi "Economic Community of West African States" (Ecowas) ryarateguye inteko z’igihugu ca Senegal ariko rikavuga ko gukoresha inguvu za gisirikare yoba inyishu ya nyuma.

Mw’itangazo yashikirije kuri uwu wa kabiri ku mboneshakure, Yahya Jammeh yavuze ko "ibikorwa vy’ukutubaha amategeko ya Gambia, uguhimiriza abanyagihugu mu bwicanyi canke mu bindi bikorwa vyodurumbanya umutekano n’amahoro" bibujijwe mu mategeko yafashwe yo mu bihe bidasanzwe.

Yavuze ko inteko z’umutekano zasabwe "kubungabunga amahoro, ukwubahiriza amategeko hamwe no kugumiza ibintu mu buryo".

Inama nshingamateka ya Gambia nayo yihanikije ivyo yise "ukwivanga kubi kandi kudaciye mu mategeko" kw’umuryango w’ubumwe bwa Afrika n’igihugu kibanyi ca Senegal mu buzima bw’igihugu ca Gambia.

Umukuru w’igihugu ca Senegal Macky Sall yemeye kwakira Adama Barrow yatsinze amatora mu gihugu ca Gambia gushika umunsi wo gushikirizwa ubutegetsi.

Avugira mu nama yahuje Afrika n’Ubufaransa i Bamako, umukuru w’igihugu ca Mali Ibrahim Keita yasavye Yahya Jammeh kuva ku butegetsi kugira amaraso ntaseseke, aca asaba ko hokoreshwa ubwitonzi bwamye buranga Afrika.

Adama Barrow, yatsinze Jammeh mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kwa Kigarama 2016, yahamagawe mu nama yahuza Afrika n’Ubufaransa nk’umukuru w’igihugu.

Ishirahamwe ryo mu burengero bwa Afrika, CEDEAO, risaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU kwemeza ko haba abasirikare baja kumukura ku butegetsi mu gihe hatoba ibisikanya ku butegetsi ku musi wa kane igenekerezo rya 19 Nzero 2017.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.