IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia: Uwutwara umurwi utegura amatora yahunze igihugu

Gambia: Uwutwara umurwi utegura amatora yahunze igihugu

mercredi 4 Nzero 2017

Umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora mu gihugu ca Gambia Alieu Momar Njai yarahunze igihugu inyuma yaho bamugizeko iterabwoba ko bashobora kumwica kuko yatangaje ko Yahya Jammeh yatsinzwe mu matora y’umukuru w’igihugu.

Umuryango wiwe wabwiye iradiyo y’abongereza BBC ko Alieu Momar Njai atakiri mu gihugu ca Gambia kandi ko badashobora kuvuga aho yahungiye.

Mu ntango Yahya Jammeh yari yemeye ko yatsinzwe mu matora na Adama Barrow ,ariko mu nyuma atwara urubanza mu butungane kugira bahagarike ivyavuye mu matora avuga ko amatora yabayemwo utunenge .

Umurwi ujejwe gutegura amatora wari wamenyesheje ko amatora yabaye mu bwigenge kandi yitabwe na bose.

Kuva mu nmpera z’umwaka uheze wa 2016,ibiro bikoreramwo uwo murwi vyarasubiye kwugururwa kw’itegeko rya Reta ya Gambia inyuma y’indwi zibiri zari ziheze vyugaye.

Reta ya Gambia yavuze ko ariko ahakorera umurwi utegura amatora hazoguma hacungerewe n’igipolisi.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.