Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambiya : Ishirahamwe ry’AbashinwaGolden Lead ryitwariwe
 Gambiya : Ishirahamwe ry’AbashinwaGolden Lead ryitwariwe
 Gambiya : Ishirahamwe ry’AbashinwaGolden Lead ryitwariwe
				
				mercredi 2 Myandagaro 2017
Amakuru ava i Banjul ku murwa mukuru wa Gambiya avuga ko abanyagihugu bo mu gace ka Gunjur bamenyesha ko amafi menshi yo mw’ibahari mur’ako gace yama yapfuye kuva aho ishirahamwe Golden Lead ryubatse ihinguriro kuva mu mwaka wa 2016
Bimenyeshwa ko n’abantu boga mur’ayo mazi aherereye mur’ako gace bahura n’ibibazo bijanye n’amagara yabo bivuye ku bumara buva mur’iryo hinguriro.
Ishirashamwe Golden Lead rirahakana ivyo ryagirizwa aho ryamenyesheje ko rigiye kwicarira ico kibazo hamwe n’abajejwe ibidukikije mur’ico gihugu.
Vianney BIKORIMANA

Messages
2 Myandagaro 2017, 12:52, par BUSURAHENDE
Atari mu Burundi bahayagiza abo Chinois, ahandi kw’isi barazi ko ata bucuti bw’abo. Nta kintu na kimwe bakorana umutima mwiza. Nta ubaha nirwere, n’ibicuruzwa vyabo baravyinuba. N’abashinwa ubwabo bari hanze y’igihugu c’abo ntibigera bagura ibintu vyakorewe i wabo, cane cane ibifungurwa kuko bashiramwo ibintu bishobora kubangamira amagara y’abantu.