IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gasenyi : Amazu yegereye ahubatswe ingoro y’umukuru w’igihugu yatanguye (...)

Gasenyi : Amazu yegereye ahubatswe ingoro y’umukuru w’igihugu yatanguye kubomorwa

mardi 11 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Amazu yubatswe mu kibanza ca hegitari 40 uvuye ahari iyo ngoro y’umukuru w’igihugu iriko yubakwa muri zone Gasenyi, komine Mutimbuzi, mu gisagara ca Bujumbura yatanguye kubomorwa kuri uwu wa kabiri.

Imiduga ibigenewe (Tracteurs) niyo iriko irakora ico gikorwa, abubatse ayo mazu barorera n’agahinda kenshi, nk’uko babimenyesheje. Abaporisi benshi nibo bari bahagarikiye ivyo bikorwa, bari kumwe na Buramatari w’intara ya Bujumbura. Inzu zigera kuri 23 nizo zabomowe kuri uwu wa kabiri.

Itegeko ry’umushikiranganji w’ibidukikije ryavuga ko abo bantu bafise ikiringo co gushika kw’igenekerezo rya 6 Ndamukiza igihe c’isaha cumi n’imwe. Bamwe muri abo bari baguze ibibanza bubatsemwo muri ako karere bakaba bavuga ko batabona aho baja, kuko batarahabwa umuzibukiro.

Buramatari w’intara ya Bujumbura, Nadine GACUTI yabwiye abatagira aho baba baraja ko bokwitura komine ikababikira ibikoresho vyabo.

Abandi mu bategetswe kuva muri ico kibanza bavuga ko naho bazohabwa umuzibukiro ataco uzobamarira kuko amafaranga bazohabwa ataho ahuriye n’ayo bakoresheje mu kugura hamwe n’ukwubaka amazu bahora babamwo.

Tubamenyeshe ko imbere y’uko babomora inzu ishikiriwe, nyeneyo yabanza gusabwa gutera umokono ku gipapuro cemeza ko yakuyeyo ivyo yari ahatungiye.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.