IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gaston SINDIMWO abwira Abarundi ko atawuzotegekwa guterera amatora

Gaston SINDIMWO abwira Abarundi ko atawuzotegekwa guterera amatora

samedi 28 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Gaston SINDIMWO icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi amenyesha ko ata tegeko rihari, ariko ko ari ibwirizwa nshikiranganji rivugha ingene abashaka guterera bobikora.

"Gushika uno munsi mbwira umuntu amaze gufatwa ngo nturaterera. Mugabo twebwe abategetsi, turavye kahise, tubona y’uko ari ngombwa ko abantu bakunda igihugu baterera amatora. Twitwavuze y’uko twabujije abaduterera, mugabo baduterere kuvyo twebwe twagize, ntibadusange ataco dufise. Twebwe baduterera bataduterera, tube tuzi ko amatora tuyategura. Ni kugushaka, biranditswe."

JPEG - 97.6 ko
Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

N’aho icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yashikirije ko uguterera amatora ari ku gushaka, mu nama yagiranye naba Buramatari bose b’intara zigize Uburundi, hamwe naba Musitanteri b’amakomine yose y’igihugu c’Uburundi, Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yabwiye abajejwe intwaro mu gihugu cose c’Uburundi ko bokwumvisha abo barongoye ko boterera amatora yo mu mwaka w’2020, kandi ukwo guterera amatora kukaba itegeko kuri bose.

Pascal BARANDAGIYE yagize ati : "Twumvikanye ko ivyo guterera amatora biraba umwenegihugu wese, uwize n’uwutize, umurimyi n’umukozi wa Reta."

Muri iyo nama, abajejwe intwaro basavye ko hovugwa urugero rw’amafaranga umuntu wese yotanga hamwe n’ingene ayo mafaranga yotozwa, mbere ukwo guterera amatora kukaba itegeko ku murundi wese.

Nk’uko vyashikirijwe na Pascal BARANDAGIYE, abajejwe intwaro bagiye kuja hamwe bumvikane urugero rw’amafaranga umurundi wese yotanga yaba rimwe mu mezi atatu, canke rimwe mu mwaka. Ku bakozi ba Reta, abagize ama sendika bazoja hamwe bumvikane amafaranga yokatwa ku mushahara w’umukozi wa Reta.

Mw’ijambo yashikirije umunsi Uburundi bwahimbaza imyaka 55 iheze bwikukiye, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabwiye Abarundi ko bisunze ibihe igihugu caciyemwo kuva mu mwaka w’1961, bikwiye ko bitegurira neza amatora yo mu mwaka wa 2020 no muri kazoza mu bijanye n’uburyo hamwe n’ibikoresho batarinze gusaba imfashanyo mu makungu.

Muri iryo jambo, umukuru w’igihugu NKURUNZIZA yamenyesheje ati : «Umwe wese azoterera uko ashoboye, gutyo twereke amakungu ko Abarundi dushoboye kwitunganiriza amatora azira utunenge tutarinze kuzera inze, nakare akimuhana kaza imvura ihise. Iyo ni imwe mu nzira zo gutsimbataza intahe y’ukwikukira na demokarasi mu gihugu cacu, na kare iyo ntahe y’ukwikukira twayironse iciye mu matora mu 1961.»


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.