Gaston SINDIMWO yaserukiye umukuru w’igihugu NKURUNZIZA mu nama ya EAC

Yanditswe na
Kuya 18 Rusama 2017 saa 12:15
Yasomwe : 52380
1 0

Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi yafashe urugendo kuri uwu wa kane rumushikana i Dar Es Salam mu gihugu ca Tanzaniya. Agiye guserukira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA mu nama igira iya 18 y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko izoba kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 20 Rusama 2017.

Mu biro vy’umukuru w’igihugu NKURUNZIZA bamenyesha ko Uburundi bwamaze kuronka urutonde rw’imfatakibanza ruvuga ibizokwigirwa muri iyo nama. Kuri urwo rutonde, ikibazo c’Uburundi ntikiriko.

JPEG - 75.9 ko
Uburundi bwaserukiwe na Gaston SINDIMWO mu nama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko
JPEG - 65.4 ko
Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA ari mu baherekeje icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ku kibuga c’indege

Kumenyekanisha

1
FIACRE 21-05-2017 à 21:47

Niryiz gutum intumw yizey kuk aba arinkawe agiye

2
Felix Muhire 18-05-2017 à 18:04

Ariko kuki murinda kwidoga? Ni murungike namwe uwuza guserukira Leta yanyu, iyo minihiro ice igabanuka

3
djuma 18-05-2017 à 15:09

Ego kweli none nkuyo ngo ni gasito agiye hehe? Iyo nama nitume isiba vyitweko atacabaye kukuyo ntajambo afise mwiyo reta

4
karabaye 18-05-2017 à 14:39

abarundi muramaze kubona ko turi ibijuju kweri, umuvugizi wumuhuza wenyene yivugiy ko iyonama ikorany ngo bige kukibazo c’uburundi, namwe ngo kurutonde mufise ntkibazo c’uburundi kirimwo? UWURAMVYE AZOBONA NDAKE.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha