IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gervais ABAYEHO yagenwe guserukira Uburundi muri Tanzaniya

Gervais ABAYEHO yagenwe guserukira Uburundi muri Tanzaniya

lundi 16 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Gervais ABAYEHO, yahora ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yagenwe guserukira Uburundi mu gihugu ca Tanzaniya.

Izina rya Gervais ABAYEHO nk’uwugiye guserukira Uburundi mu makungu (Ambassadeur) ryemejwe n’inama nkenguzamateka y’Uburundi kw’igenekerezo rya 3 Myandagaro 2016, ariko igihugu yari agiye kurungikwamwo kikaba kitamenyeshejwe uwo munsi, kubera ko ico gihugu cari gushobora kwanka kumwakira, nk’uko vyashikirijwe na Alain Aimé NYAMITWE umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, ari nawe yari yagiye gutanga imyidondoro y’abo bantu mu nama nkenguzamateka.

ABAYEHO Gervais yemejwe hamwe n’abandi batatu, umwe muribo ni intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi.

JPEG - 88.6 ko
Gervais ABAYEHO yahora ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

Gervais ABAYEHO avuka mu ntara ya Bujumbura, akaba yahora ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Uwugira kabiri yemejwe hamwe nawe ni Emmanuel MPFAYOKURERA akora mu biro vy’umukuru w’igihugu, akaba avuka mu ntara ya Kayanza.

Uwa gatatu ni TABU Rénovat akora mu nama nshingamateka y’Uburundi, akaba avuka mu ntara ya Cibitoke.

Uwa kane ni Colonel Jean Baptiste BIHERENGENDE avuka mu ntara ya Muyinga, akaba akora mu bushikiranganji bw’ukwivuna abansi.

Mu gihe abo bose uko ari bane ari abahutu, Alain Aimé NYAMITWE umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, ari nawe yari yagiye gutanga imyidondoro y’abo bantu mu nama nkenguzamateka, yasiguye ko mu gutora abaserukira Uburundi mu makungu bisunga ivy’iserukirwa ry’amoko yose, ariko ko cane cane baraba ico umuntu wese ashoboye.

Abakenguzamateka 36 kuri 37 bari bitavye ivyo bikorwa nibo bemeje ayo mazina, umwe nawe akaba ataco yabivuzeko.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.