IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ghana : Abiyita abakozi ba Amerika bafashwe inyuma y’imyaka cumi batanga (...)

Ghana : Abiyita abakozi ba Amerika bafashwe inyuma y’imyaka cumi batanga impapuro za magendu

lundi 5 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu gihugu ca Ghana hugawe ubuserukizi bwa Reta Zunze ubumwe za Amerika mu gisagara ca Accra, ubwo buserukizi bukaba bwari bumaze imyaka 10 bukora mu buryo bwa magendu, bugatanga ama viza n’ibindi vya ngombwa, ku mafaranga ibihumbi bitandatu vy’amadorare y’abanyamerika.

Itangazo ryasohowe na Reta zunze ubumwe za Amerika rivuga ko ubwo buserukizi (Ambassade) butazwi na Reta ya Amerika, ahubwo ari Abanya-Ghana n’Abanya-Turikiya bakorana muri ubwo bunyonyezi.

Iryo tangazo rya Reta ya Amerika rivuga ko ari Abanya-Turikiya bavuga Icongereza n’Igihorande bari bajejwe ibikorwa vy’ubwo buserukizi, bakaba ari nabo bakoresha abandi. Inzu abo bantu bakoreramwo yari ifise ibiyiranga vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, birimwo ibendera ryari rimanitse hanze, hamwe n’isanamu ya Barack OBAMA yahora ari umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika.

Abahora bakorera muri iyo nzu itari izwi na Amerika bagirizwa ivyaha birimwo gutanga ama visa y’ukuja muri Amerika atemewe n’amategeko (atazwi), ugutanga impapuro z’amavuka za magendu, hamwe n’ibipapuro vy’ukuba muri Amerika.

Igitigiri c’abantu bari bamaze kwinjira muri Amerika kuri magendu babifashijwemwo n’ab bantu ntikiramenyekana.


IGIHE

Messages

  • Vivre Trump.Ivyari bihishijwe bija kumenyekana.Nosaba Reta y’uburundi yugare ambassade y’ababirigi n’urwanda mu BURUNDI kuko ntawumenya ibizikorerwamo twawandavuye mu gu koronizwa n’ababirigi.Ni naco gituma abacu baguma bicwa tutamenya ukungene bishwe.

  • Trump J Donald, iyoyatsindwa ivyovyogunyeko kuko ivyontahobitaniye nayamirwi yabarwanyi yirirwa irakubita ikarandura abenebihugu bitandukanye ariko America ahokuyiyamiriza ikavuga ngo naboyiforoneye ku Burundi muraziko iyo hagize umuntu yica uyundi America yacivugango reta yuburundi nigiriranire ibiganiro nuwomwicanyi ukumvanyene ko umwicanyi adakwiye gukanwa!
    Mubikurikiranyeneza nubwo abobabikora bari aba Turkiya nabagana ndabarahiye baribabizinanye na reta ya Amarika imyaka 10 nimyishi kubantubakorera ahabona nidarapo rikaduzwa nigute iyomyaka yohera atabanyamerika bararungikwa gutemberera ivyobirovyabo biri mugihugu kirimubihugu bikomeye vyokumugabane wa Africa!?
    Ewe Trump uje America yarigukeneye.
    Burya rero ibigiye kuzoboneka vyamanyanga America yarimazenwo imyaka nivyishi mbere muzosanga ivyovyigana aribito cane.
    Ndasubiyemwo iyo Trump yatsindwa ubwobuserukinzi bwamanyanga bw’america muri Ghana bwogumye bukora ukurikwamye.

  • Reka reka ayon’ amanyanga ya obama igisuma kibi ok,10ans manda yose yiwe ko bihinyutse ubu? turaraba neza natwe duca tubugarira baje gukorera mugwanda kwakagome webasangiye amabwabwa izombwa!

  • Amerika vyagiye biyinanira kabisa isigaye ari mpe muke ndamuke !

  • Nimubarondere izo ntagodwa zinjiye bidaciye mumategeko, cakabiri , abobiyitiriye abanyamerika ataribo nibafatwe bose bakubitwe intahe mumutwe abo nibisuma bikomeye.

  • ahubwo vyobazwa umukuru wigihugu obama kuko niwazi abo yakoresha bitarivyo naho nihafatwe ubwo bugabo babukubite intahe mugahanga.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.