IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega-Butamuheba: Umugabo w’umutwa yatowe ari ikiziga

Gitega-Butamuheba: Umugabo w’umutwa yatowe ari ikiziga

mercredi 22 Ruhuhuma 2017

Umugabo azwi kw’izina rya MANYERI Severin yatowe yitavye Imana mu kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 22 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, ku mutumba wa Butamuheba, uri muri zone ya Mungwa, komine n’intara ya Gitega.

Amakuru ava aho i Butamuheba amenyesha ko ikiziga ca MANYERI Severin catowe mu nzu yiwe kimanitse ku mugozi asa n’uko yiyahuye.

Umukuru wa Zone Mungwa Dushime Chrysostome amanyesha ko icatumye apfa kitaramenyekana ariko avuga ko MANYERI Severin yapfuye yiyahuye bisunze aho ikiziga ciwe catowe n’uko cari kimeze.

Mu gipolisi mu ntara ya Gitega bavuga ko batanguye amatohoza , ariko ababa ku mutumba wa Butamuheba bamenyesha ko ashobora kuba yahisemwo kwiyaka ubuzima kubera abonye ubuzima bumunaniye.

MANYERI Severin yari umutwa ,yasiga umupfakazi n’impfuvyi 8.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.