Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega-Butamuheba: Umugabo w’umutwa yatowe ari ikiziga
Gitega-Butamuheba: Umugabo w’umutwa yatowe ari ikiziga
mercredi 22 Ruhuhuma 2017
Umugabo azwi kw’izina rya MANYERI Severin yatowe yitavye Imana mu kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 22 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, ku mutumba wa Butamuheba, uri muri zone ya Mungwa, komine n’intara ya Gitega.
Amakuru ava aho i Butamuheba amenyesha ko ikiziga ca MANYERI Severin catowe mu nzu yiwe kimanitse ku mugozi asa n’uko yiyahuye.
Umukuru wa Zone Mungwa Dushime Chrysostome amanyesha ko icatumye apfa kitaramenyekana ariko avuga ko MANYERI Severin yapfuye yiyahuye bisunze aho ikiziga ciwe catowe n’uko cari kimeze.
Mu gipolisi mu ntara ya Gitega bavuga ko batanguye amatohoza , ariko ababa ku mutumba wa Butamuheba bamenyesha ko ashobora kuba yahisemwo kwiyaka ubuzima kubera abonye ubuzima bumunaniye.
MANYERI Severin yari umutwa ,yasiga umupfakazi n’impfuvyi 8.
IGIHE
Messages
23 Ruhuhuma 2017, 09:56, par SENGIYUMVA TOTI
Ahubwo ubuzima bwokubaho nabi ubuniho yabwongereje kurusha nubwo yarasanganwe, kuko kwiyahura siyo nyishu yibibazo.
23 Ruhuhuma 2017, 10:02, par mavoko
nkumuntu ava igitega nn harira abantu barima abatwa bob barima batunze niku muribibihe hababa yarambiw nivyisi abatwa bahora bamutora nibarabe akabi yatuzaniye pieyr nkurunziza naveko ahandi nakandi baracapfa.
24 Ruhuhuma 2017, 09:21, par SUGURU SEBASTIEN
EBANA ATAGIKOZWE NA BANDI BARAGENDA INZARA NI HATARI NIBAFASHE ABASIGAYE!